IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu bataramenyekana bagerageje kuzura vya biziga vyatorwa ku kiyaga (...)

Abantu bataramenyekana bagerageje kuzura vya biziga vyatorwa ku kiyaga Rweru

mardi 23 Nyakanga 2014

Abakorera hafi y’ahashinguwe ibiziga bine vyatowe ku kiyaga Rweru bamenyesha ko babonye abantu batashoboye kumenya, nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, bariko bagerageza kwegera ahahambwe ivyo biziga. Amakuru ava mu ntara ya Muyinga, komine Giteranyi amenyesha ko hoba hari umugambi wo kuzura ivyo biziga, n’aho atawurashobora kumenya impamvu.

Abo bantu boba aribo bashaka kuzura ivyo biziga baje mu bwato bubiri bufise imoteri, isaha indwi z’ijoro. Umunyezamu w’abarovyi akorera aho hafi y’ahahambwe ibiziga bine vyatowe ku kiyaga Rweru yaragerageje guhamagara abari muri ubwo bwato ntibamwishura. Yaciye atabaza, abo bantu babonye abasirikare b’Uburundi barwanira mu mazi berekeje iyo bari, baca basubira inyuma. Abo bantu bataramenyekana basize bataye muri ico kibanza bimwe mu bikoresho bari bafise, bigizwe n’ihema, umuringoti, hamwe n’umuhini. Abasirikare b’abarundi bakorera mu mazi baragerageje gukurikira abo bantu, ariko ntibashoboye kubafata, n’iyo baje bazananye hakaba hataramenyekana, bikavugwa ko boba bari baje kuzura ivyo biziga.

Amakuru dukesha BBC avuga ko abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru baheruka kubona umuntu yaje ava mu Kirundo, hama afata amafoto y’aho ivyo biziga vyahambwe, n’aho ibirindiro vy’abasirikare b’abarundi biri.
Uwo muntu inyuma yo gufata ayo mafoto yaciye afata ubwato bwamujabukanye hakurya mu Rwanda, nk’uko abamutwaye babibwiye umumenyeshamakuru wa BBC.

JPEG - 37.8 ko
Bibiri muri ivyo biziga vyatowe bitekewe mw’igunira rimwe

Ingingo z’ugucungera ico kibanza zafashwe

Inyuma y’ivyo vyabaye, haciye hafatwa ingingo zo gucungera aho hahambwe abo bantu. Mu ngingo zafashwe harimwo gushira ikirindiro c’igisirikare i Dagaza, ahari imva zashinguwemwo ibiziga bine vyatowe aho ku kiyaga Rweru. Hari n’itegeko ryashizweho ko ata muntu n’umwe asubira kwinjira mu mazi aho ku kiyaga Rweru inyuma y’isaha 12 z’umugoroba.

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bamenyesheje ko bagumye babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe imigozi ikomeye, hejuru hari amaraso, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, bitekeye mu magunira. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. Impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya.

Mu Rwanda bavuga ko beretswe ibiziga bibiri gusa

N’aho abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bavuga ko bamaze kwibonera ibiziga birenga mirongo ine, mu butegetsi mu Rwanda bemeza ko beretswe bibiri gusa, bakongera bagahakana ko atari ivy’abanyarwanda. Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda yamenyesheje bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko n’aho amatohoza akibandanya, ivyo bamaze gukora vyerekana ko abapfuye atari abo ku ruhande rw’Urwanda, kuko ata muntu n’umwe aratabaza avuga ko uwiwe yaburiwe irengero. ACP Theos Badege ati : "Kugeza ubu nta nkuru n’imwe y’umuturarwanda waba waraburiwe irengero muri ako gace, yaba umuzima cyangwa se umurambo wabuze." Kubwa ACP Theos Badege, n’aho hari abavuga ko babonye ibiziga 40, igiporisi c’Urwanda ceretswe bibiri gusa. "Hari ibyavuzwe, hari n’ibyo twebwe tweretswe. Aho Umupolisi agiriyeyo bamweretse imirambo ibiri."

JPEG - 103.5 ko
Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda

Ku ruhande rw’Uburundi naho nyene bavuga ko amamuko y’ivyo biziga yorondererwa ahandi. Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, mu kiganiro c’abavugizi bose b’inzego za Reta cabereye ku ntara ya Gitega kuri uwu wa gatanu, yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yatohoje isanga nta munyagihugu n’umwe w’umurundi wo muri ako karere yaburiwe irengero. Ku bwiwe, abagira amatohoza boronderera ahandi, kuko n’uruzi Akagera rwazananyemwo ivyo biziga rudahana urubibe n’Uburundi.

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Egide Nduwimana

Messages

  • u Rwanda rugiye gutera U BURUNDI mu rwego rwo gufata imirambo y’abahutus bishwe bakajugunywa mu kiyaga cya Rweru

  • Urwanda rushaka gukora tushe! Mugushaka gukinatisha ingwe! There’s going be final for you guys!

  • Barundi mwese mwitegure ko u Rwanda rugiye kubatera mu rwego rwo gufata iyo mirambo y’abahutu b’u Rwanda.It is KAGAME who ordered the killing of those hutus and they want them burried in Rwanda.Ngo baraza kubica mwa barundi mwe

  • None Amani wabariwe nande ko iyo mirambo ari iy’ abahutu ?Ako gatima sha?

  • u rda rutwawe bunyago kugera naho umuntu abura uwiwe ntavuge nihatari.

  • Mu kirundi baca umugani ati nuwanka urukwavu aremera ko runyaruka! Uburundi si congo!! Murabaza alshabab hamw no muri centrafrique bazobabwira umugeto w’abarundi! Nsavye nshimitse peter nkurunziza atahukane vyihuta ingabo z’uburundi ziri somali na centre afrique hamwe nibikoresho vyoose rutura hamw naza Drones UA yaduhaye kuko kubona urwanda rwubahutse kurenga imbibe zuburundi biragaragara ko ico kibazo gikomeye! Nibaza ko nimba umunwa winkiho utaraziba intambara ntabwoba twebwe abarundi iduteye! Nibayisomborotse bazoyibona.

  • Abahungu bacu barabuze akazi reka kagame akaduhe!nkeneye kurugamba rwotangura nakare turakenye dufungurire ikigari mumahotel meza

  • Birababaje ibintu biriko biberangaho muburundi hewe sintahura reta yuburundi nimba izi ukuri kwatarabanyagihugu babo kuko batoreka amatohoza mpuzamahanga agakorwa?kugira benicaha kibagire. Ababonye abobantu bavuga ko mukwiruka berekeje murwnda kandi nuwaje gutata yerekeje murwanda none ibindi muhinanahinamwo nibiki canke murabizunanyeko. Karashize ingani abantu basigaye bazagutata igihugu mukababona ngonuko arabanyagwanda mukabareka nimurindire bucamwibonerako nimureke ukuri kujajabona kuko ubwicanyi bukoregwa murwanda burenze ukwemera.

  • namwe ku gihe turazi ko iki kinyamajuru jo ari ica kagame rero nta kubtuwovuga ji uwahaye inkuru bbcgahuza atavuz iyo bazabanye knd natwe twariyumviye iyo nkuru mbe ko cyriaque yavuze ko umuntu yah gutata ubwa mbere yakubitiwe amasalut nabandi basirikare ntimubivuge ico nzi co namba kagame yarambiwe no gutwAra nawucane tuwumuzirizeko tuve Kigali tumukuye ku butegetsi

  • Oh mana akira abo bantu. Bahuye nivyo vyago

  • Oh mana akira abo bantu. Bahuye nivyo vyago

  • reka kuba mwirotesha intambara ntayo muzi basha ngo umenya uwuyitanguye ntumenya uwuyiheza. du reste nta nzu iriko irasha hagati y’uburundi n’urwanda.
    none reka kagame atunganyivyiwe none abafaransa n’abanyamerika bo birya birigwa bishirahejuru ngo ni intungane ntibishe Kadhafi, ntibamaze abanyalibiya, ntibishe Sadam, ntibamaze les irakiens, ntibamaze abo muri afganistan, ntibamaze abarabu, ntibishe Martin Luther King, ntibamaze les noirs americains, ntibamaze les africains, ntibishe Lumumba, ntibishe Rwagasore.
    Hanyuma none aho mubesha ugira na Patric Karegeya yarumuhutu

  • ntabwo ndi umurundi cg umunyarwa mva muri congo, ariko ico nangirango mbabwire mwe mugereka ibibi byose kurwanda rwose nurwango murufutiye gusa ntakindi naho kuvuga ngo na bahutu babanyanda bapfuye nta bimenyetso mubifitiye, aho mugaragaza urwango mwanga kagame gusa kandi ndumva ntaco mwanamutwara, urestse ko umujinya wimbwa urangirira mukuzunguza umurizo, wowe uvuga ngo al shababb mwarayikubise ureba hafi cane .nimba ushaka intambara hagati y"urwanda nuburundi ntayo muzabona nibihungu byabavandimwe, urwishigishiye ararusoma, nimba ushaka itambara itonde

  • Ariko ariko ariko!!!! Kabiri kazozirwa kandi nahobatahiye barababutse tugiramahoro dufatikanije nabasoda bigihugu cacu.

  • hariho ivyo kwitiranya nibindi bidakunda k uvyitiranya.BURUNDI siyo CONGO barke kko twebw aba General bacu sinkabarya ba RDC.tuzinjira 5h zagatondo mgbo tuzonywa ica ikigali.tuzokarabira muri camp KANOMBE.

  • Ariko abarundi murantwenza cane! Iyo muvuga ko mwakubise Al Shabab biranyereka ko muri intamenya! Mwibagiye abasoda mirongo ingahe mumaze gutakaza bicwa na Al Shabab! Mbe ko Uganda yabatanze kuja muri Somalie, yoyo basi yogira nico yishimira! Nta Rwanda rwatera u Burundi kuko ntaco u Burundi burusha u Rwanda cotuma rubatera. Mufise agahugu gato cokimwe n’u Rwanda, murakennye cokimwe n’u Rwanda, none wumva Kagame yoza gukora iki mu Burundi? Ikintu mufise murusha u Rwanda n’amayarara n’umwanda vyuzuye mugisagara ca Bujumbura, kandi murazi ko Kagame n’abanyarwanda twanka umwanda. None mwumva twotera ako gahugu kanyu dushaka iki? REPONDEZ-MOI S’IL VOUS PLAIT!!!

  • Nikobarundimwe mwabinye cyakinyamakuru Igihe cyomu Rwanda ko cyaguyemukantu kitigeze cyandika kwiyinkuru? !!!

  • Nimuhumure, nta ntambara iteze kuba hagati y’ Abarundi n’ Abanyarwanda, kuko ntawubifitemo inyungu. Igishimishije ni uko abayobozi ku mpande zombi, bo, babizi kandi banabyemera. Naho abivugira ayo bishakiye, bashobora kwikomereza, kugira ngo barebe uko baba baradutako frustrations n’amacakubiri byabo...

  • Ariko sha mabyayingoma nako mabyayimbwa!kuki rwose twebwe dushyaka kwitiranya uburundi cyokimwe na congo!mwagiye muvuga make ra!njye ndabona ahubwo bitakworoha hamwe perezida wacu yakwishyira ngo ateye igihugu cyuburundi doreko banamuzi!nzaba ndora nimugerageze ariko mwamenya ko abarundi atari aba congoman.its just a warnin ejo mutazazo kuyora mwamaze gusesa

  • Wowe wiyise Jean, nkubwo wumva uvuze iki? Na kubwiye ko nta Rwanda rwatera uburundi ku mvo zibiri nyamukuru: 1) u burundi n’agahugu gato cokimwe n’u Rwanda, 2) u burundi n’agahugu gakennye cokimwe n’u Rwanda, 3) u Burundi buri landlocked/enclavé cokimwe nk’u Rwanda, none wumva Kagame yoza kurondera iki mu murako gahugu kanyu gakennye kuruta ibindi bihugu vyose vyo kw’isi? Ariko abantu mwagiye mukoresha logique, n’iki u burundi bufite cy’igitangaza cyatuma u Rwanda ruza mu Burundi. Abantu ntimukabe ibicucu bigeze aho! Mwemere ko iwanyu hari ingorane muzishakire umuti, kuko kwirirwa muta agashavu ku Rwanda ntabwo aricyo gisubizo ku bibazo byanyu! Intambara niba muyishaka twe ntayo dushaka kuko ntawurwana na son petit frère! ALUTA CONTINUA!

  • Ntazinaribaribi, ahorerondashaka kubwira Mavyayingona ko ntaqumuharirijeko agahugukacu kuburundi kadakenye, ariko karavutagura, kubijanye nukonaho mwebwe mukize nivyiza vyorunezera turose ahodusumira Hafiz, icorwogusaba nujugabanya ubwishime kuko uwokubwira Somalia ukoyaritunze mumyaka ya 80s wocucabugufi ubonye umukene, utunze unomusi uvyibushe uvyinambere ukaryugahaga mukannyagato vyohinduka.

  • OK minaitwa iss twegwe nibaugwandarutagira indero nkasomariya twegwe abantunkaboturazikubigisha kubana nabanddi bacumugani mukirundi uwutazi umurundi amurundamunzu sawa nubwotutazi uwushaka kutwiba ibizi aragaruka nihazobona kuntu igikoba cikwegera maka imana ibafashe kubera bohuraningorane

  • Ariko urwanda rwararushye cyane kabisa,amabi yose muyagereka kurwanda??abarundi icyo nababwira nuko igisirikare cyurwanda utakigereranya nicyuburundi,icyurwanda kiri smart ibintu byose biri kumurongo mbese ninko kugereranya uburundi na USA twe ntabwo twahiga namwe kabisa,urugero aho tugiye mubutumwa bwamahoro isi yose yarumiwe kabisa uburyo twitwara neza,abarundi bataragera murwanda ndabasabye mwe muzaze mwihere ijisho ubundi musubireyo mwihe igisubizo,mwe no gukumira abasuba ba bujumbura byarabananiye none murashaka kurwana???ibyo sibyanyu kabisa muge mwinywera ibiyeri ibyo kurwana mubiveho,mubanze mwubake igihugu canyu muve mugutekereza urwana cyane,nkunda umunyarwanda ntacyo ampaye Kagame komerezaho abavuga amagambo twe ntacyo atubwiye mukomeze..

  • Sha Banyarwanda Uko Biri Kwose Mu Burundi Hari Ubutunzi Bumwe Dusigaranye Ubwenge Turabufise Kandi Burya Niryo Tunga Rya Mbere Muribese Muze Murabe

  • Kagame Ninkotanyize Azaze Tuzamwakira Ivyozaboneye Ipepa Nabaraka Arabizi Abasirikare Bamubanye Beshi Yabuzamahera Yokubademobiriza Ashakabagaba,nukire.Kurugamba Twebwe Ntidutera Turivunu,mwasi Bikwiyeeeee Kirimwabagabo Atarutugabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.