Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Al-Shabaab yasubiriye kudurumbanya igisagara ca Mogadishu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Al-Shabaab yasubiriye kudurumbanya igisagara ca Mogadishu

Somaliya : Al-Shabaab yasubiriye kudurumbanya igisagara ca Mogadishu

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Abantu batari munsi ya 12 bapfuye n’abandi benshi bakomeretse, inyuma y’aho ikibombe giturikiye mu muduga cari catezwemwo ku murwa mukuru Mogadishu w’igihugu ca Somaliya.

Uwo mwicanyi yateze iyo bombe akaba yateze imodoka yarimwo abajejwe umutekano. Batatu muri abo bajejwe umutekano bakaba baciye bitaba Imana nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu babibonye. Umurwi w’intagondwa za al-Shabaab ufitaniye isana na al-Qaeda wemeye ko ariwo wateze iyo bombe. haheze igihe ubwicanyi bwasubiye kwiyongera ku murwa mukuru Mogadishu muri iyi minsi iheze. Ibitero vya muzinga mw’ijoro hamwe n’itana mu mitwe ku murango hagati y’abajejwe umutekano n’aba al-Shabaab, bikaba vyasubiye aho muri Somaliya.

Twobamenyesha ko ku ndwi iheze, uwo murwi wagize igitero c’ibombe, bagitega ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Mogadishu, gihitana bamwe mu bategetsi bo ku kirimba n’abandi mu basanzwe bacungera umutekano w’umukuru w’ico gihugu. Kuva al-Shabaab yirukanywe muri ico gisagara gikuru ca Somaliya mu mwaka w’2011, igerageza kuza iragira udutero biboneka ko ari nk’ukwita.

Uyo murwi w’intagondwa, ukaba waromowe n’abasirikare b’abarundi bafatanije n’abandi basirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika bahurikiye muri AMISOM. Ingabo zigera ku bihumbi 22 z’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, zikaba zarakoze birashimwa mu gutuza izo ntagondwa mu bice bitandukanye vya Somaliya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.