Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu Mirongo Ibiri na Batatu Bari Bagizwe Imbohe Barishwe Muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu Mirongo Ibiri na Batatu Bari Bagizwe Imbohe Barishwe Muri (...)

Abantu Mirongo Ibiri na Batatu Bari Bagizwe Imbohe Barishwe Muri Algeria

samedi 19 Nzero 2013

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati bwatangaje kw’uruhagarara rwatewe n’abagwanyi banyuruje abantu mu gihugu ca Algeria rwarangiye, abagizwe imbohe mirongo ibiri na batatu n’abagwanyi mirongo itatu na babiri bishwe.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati bwatangaje ejo ku musi wa gatandatu, kw’inteko zijejwe umutekano zashoboye kubohoza abanyamahanga ijana n’indw’i bari bagizwe imbohe hamwe n’Abanyalgeria amajana atandatu na mirongo umunani na batanu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu ca Algeria, APS ryatangaje kw’inteko zidasanzwe z’ico gihugu zinjiye mu kibanza gihingura gaz, mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu mu gitero ca nyuma, ku bagwanyi b’AbaIslamu bari bagize imbohe abantu batari bake bakora, muri ico kibanza.

Ubufransa bwarashigikiye ukugene igihugu ca Algeria cavyifashemwo ku vyerekeye ico kibazo, ejo ku musi wa gatandatu mu kuvuga ko yari inyishu ikwiriye kubera bitashoboka kuganira n’abagira iterabwoba batagira umutima.

I Washington, Prezida Barack Obama yarasohoye itangazo rivuga kw’Abanyamerika mu vyiyumviro n’ibisabisho vyabo bari kumwe n’imiryango y’abapfuye. Yariyamirije abanyuruje abakozi bo mu kibanza gihingura gaz mu gihugu ca Algeria akaba yatangaje ko aribo bagirizwa abapfuye.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu c’Ubwongereza, Philip Hammond, n’umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Amerika, Leon Panetta, baraganiriye ivyerekeye inyuruzwa ry’abantu bakora mu kibanza gihungura gaz mu gihugu ca Algeria, mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru I Londres, mu Bwongereza ku musi wa gatandatu.

Hammond yatangaje kw’abagira iterabwoba aribo bonyene babazwa abishwe.
Abanyamerika batari bake bari mu bagizwe imbohe


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.