Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyafiripine 170 000 baramaze kuronka imfungurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyafiripine 170 000 baramaze kuronka imfungurwa

Abanyafiripine 170 000 baramaze kuronka imfungurwa

samedi 16 Munyonyo 2013

Ibifungurwa birahaye birashikira abanyafiripine bahuye n’amakuba. Abantu bagera 170 000 nibo bamaze kuronga ico bakoza ku munwa. Imfashanyo ikaba ikomez itangwa na cane cane mu gisagara ca Tacloban cababaye gusumba ahandi.

Igitwazi c’indege c’abanyemerika « Georges Washington» giherekejwe n’amato yandi agera kuri 7, bimaze gutanga imfashanyo kubahuye n’ivyago muri Philippines. Abantu bagera ku 170 000 nibo bamaze guhabwa ibifungurwa. Abanshi bakaba ari abari mu mihingo igoye gushikamwo. Za kajugujugu z’abanyamerika zikaba ziguma ziseha ibifungurwa, imiti, amazi n’amahema yo gufasha abarokotse ku guhuhusi c’imvura caciye muri ico guhugu, haraciye indwi.

Imfashanyo iri mu mato y’abanyamerika, yashitse ku munsi wa gatanu, ikaba irimwo amatoni 118 y’ibifungurwa. Amashirahamwe ya nka ONU, Croix-Rouge hamwe n’Abaganga batagira imbibe baaba bamenyesha ko imbere y’impera y’iyino ndwi bazoba bamaze gushiraho amavuriro y’infatakibanza mu mihingo yasinzikaye.

Mwomenyako ico gihugusi kivanze n’imvura casinzikaje Philippines mu ndwi yahera, kivurwa ko kiri mu bikomeye cane bimaze guca kw’isi. Imikuba y’imetero 5 hamwe n’umuyaga ufise umuvuduko w’ibirometero 300 kw’isaha vyahitanye abantu bagera ku 1000 hamwe n’abarokotse batagira aho bakika umusaya.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.