Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyafrika baba hanze nabo baraje kwirabira CAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyafrika baba hanze nabo baraje kwirabira CAN

Abanyafrika baba hanze nabo baraje kwirabira CAN

samedi 26 Nzero 2013

Mu gihe hariko haraba ihiganwa ry’umupira w’amaguru rihuza imigwi nserukirabihugu yo muri Afrika,uwusanzwe akora umwuga wo gufata amafoto afise ubwenegihugu bwa Maroc n’u Bufaransa yagize iciyumviro co gufata amafoto y’abakenyezi 16 bava mu bihugu 16 vyitavye iryo higanwa mu ntumbero yo kwerekana ko umupira w’amaguru atari uwo abagabo gusa.

Umupira w’amaguru ni urukino bitirira urwo abagabo.Ico ciyumviro sico namba kubwa Wafaa El Yazid asanzwe akora umwuga wo gufata amafoto,ivyo vyaciye bimuha iciyumviro co gufata amafoto abakenyezi baje kuraba iryo higanwa mu ntumbero yo kwerekana ko abakenyezi n’abo bashigikiye urukino rw’umupira w’amaguru.

JPEG - 12.7 ko

Abicishije mu mafoto 16 y’abakobwa baserukira ibihugu 16 vyitavye ihiganwa rya CAN.Akaba yerekana igihugu cose abicishije kw’ifoto y’umukobwa yisize amabara aranga ibendera ry’igihugu ciwe hamwe n’impuzu zambarwa muri kahise k’igihugu ciwe.

Nk’uko yabimenyesheje,Wafaa El Yazid ngo arakunda iryo higanwa rya CAN, bikaba vyaciye bituma arondera ico arikorako aca ahitamwo guhuza ubwiza bw’umukenyezi no kunonora imitsi.

Kuva rero mu bwana bwiwe yamye akunda kuraba urukino rw’umupira w’amaguru kuko igihe cose umuvyeyi wiwe yaba ariko araraba urukino ruhuza umugwi nserukiragihugu wa Maroc baba bari kumwe kuko ata muhungu bavukana.

Akaba asaba abakenyezi kuja ku bibuga gushigikira abakinyi baba bakunda. Amenyesha kandi ko bidasaba kuba umuhungu kugira umuntu akunde urukino rw’umupira w’amaguru.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.