Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu basaba kuronswa inyigisho z’ugukingira ibidukikije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Abanyagihugu basaba kuronswa inyigisho z’ugukingira ibidukikije

Abanyagihugu basaba kuronswa inyigisho z’ugukingira ibidukikije

mardi 25 Ruheshi 2013

Abarundi barayamaze bati uwambaye ikirezi ntabona ko cera, abantu bamwe bamwe ntibaramenya akamaro bamariwe n’ikiyaga Tanganyika, n’aho ibinyamakuru n’amasamirizi vyama biriko birasemerera ku kibazo c’ikiyaga Tanganyika ndetse n’abitwararika ivy’ibidukikije muri rusangi.

Muri komine ya Bugarama aho bita i Nyaruhongoka, abanyagihugu bubatse amazu irukhande y’ikiyaga, ndetse ni ibintu bitangaje cane kuko uvuye ku mazi uja ahari inzu ni ku metero zidashika na zitatu, aho rero imyanda yose iva muri ayo mazu, ikaba iherera mu kiyaga hagati. Akarorero, umugabo yitwa Mpaguhora wa i Nyaruhongoka yubatse nawe nyene aho ku kiyaga, naho ata vyinshi yashimye kutubwira, biboneka ko akazu ka sugumwe kiwe gahana urubibe n’ikiyaga Tanganyika, eka ndetse biboneka ko abana bituma aho mukiyaga, bamesera mu kiyaga, batekesha amazi yo mu kiyaga eka ndetse n’ivyombo bavyogesha amazi yo mu kiyaga, bakavyogereza mu kiyaga.

Ni ibintu bitangaje rwose kuko indwara ziva kw’isuku rike bazozirwara canke usange bafise imigera y’indwara ziva kw’isuku rike. Aho i Nyaruhongoke rero, iruhande gato hari ikibuga c’umupira w’abana binonorerako imitsi, ivyo ntaco vyari bitwaye ariko vyari vyiza ko abanyagihugu bose muri rusangi bamenya akamaro k’ikiyaga bagaheza bakubahiriza imbibe zaco. Ariko biraboneka ko abanyagihugu bataramenya amategeko amwe amwe yo kwubahiriza ibidukikije, ivyo nivyo abanyagihugu baho i Nyaruhongoke batubariye, bagasaba rero ko abajejwe ibidukikije bogerageza bafashanije n’abamenyeshamakuru batangure guha inyigisho abanyagihugu ku bijanye n’ukuntu bokingira ibidukikije.

Abanyagihugu baho ku musozi wa Nyaruhongoke baremeza ko ikiyaga Tanganyika ari ingabire y’Imana ariko bakavuga ko bakeneye inyigisho z’ukwo bokingira ico kiyaga, ivyo nabo bakaba babisaba Leta n’amashirahamwe yigenga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.