IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu basabwa kwirinda abasuma mu minsi mikuru yo guheza (...)

Abanyagihugu basabwa kwirinda abasuma mu minsi mikuru yo guheza umwaka

jeudi 12 Kigarama 2013

Mu mpera z’umwaka, cane cane mu minsi mikuru y’uguhimbaza ivuka rya Yezu Kristu (Noël) n’umwaka mushasha, harakunze kwibonekeza umutekano muke n’ubusuma. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bernard Busokoza asaba abanyagihugu kuhakanurira, abasuma ntibazobace mu ryahumye, bakabatwara utwo babiriye akuya.

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro ku kibazo c’umutekano, inama yahuje icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ari kumwe n’abarongoye abandi mu nzego z’umutekano n’abarongoye amakomine, Bernard Busokoza, abicishije ku muvugizi wiwe Catherine Mabobori, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yahamagariye abarundi bose, cane abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura kuzokwirinda ivyoshobora gufungabanya umutekano wabo bikababuza guhimbaza neza iminsi mikuru yo gusozera umwaka.

JPEG - 58 ko
Catherine Mabobori, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu gihe bimaze kwibonekeza ko mu mpera z’umwaka ubusuma bwiyongera, abahungabanya umutekano bakaboneraho akaryo, Bernard Busokoza asaba abanyagihugu kwirinda kugwa mu mitego y’abanyonyezi bashobora kurondera kubiba babicishije ku mayeri canke ukubakora mu mifuko. Abanyagihugu basabwa kumenyesha abajejwe umutekano ikintu cose bazoba biketse, babona ko gishobora kubahungabaniriza umutekano.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega Mabobori ko yavugira Sinunguruza ubu yarahinduye ururimi?Abanyepolitike benshi bafise indimi zibiri.
    Ivyo biti hwe!
    None Umushikiranganji ajejwe umutekano ntakibishoboye?Ni bamusubirize rero!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.