IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu bo mu Kinanira ca kabiri batanguye nabo imyiyerekano

Abanyagihugu bo mu Kinanira ca kabiri batanguye nabo imyiyerekano

mardi 12 Rusama 2015

Muri komine ya Kinindo hafi y’ishure International, hatanguye imyiyerekano, muri ico kibanza, akaba ari irya mbere abanyagihugu bagize imyiyerekano.

Abaporisi bakaba bagerageje kwirukana abari muri iyo myiyerekano, abo nabo baranana, ndetse bakaba baturiye ibintu mw’ibarabara, umurubeya runini, ruraka. Abaho bakavuga ko nabo, baje kwifatikanya n’abandi barundi, mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Abo banyagihugu rero bari barwiriyemwo abasore n’inkumi, bakaba batumenyesheko bipfuza ko uyu munsi bashika mu gisagara ca Bujumbura.

Basaba ko benewabo borekurwa, nayo amaradiyo agasubira kwumvirizwa atankomanzi. Ikindi basavye, ni uko igiporisi kitosubira kwica abari mu myiyerekano. Bibutsa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ko Uburundi, atari agatongo kiwe canke ikibuga c’umupira yubatse, ko ari igihugu ategerezwa kurongora abamushatse, kandi yubahirije amasezerano


Aristide Nizigire

Messages

  • ni bakomere bikureko intumvau

  • Ntawuhora Ku Ngoma Kandi Inguvu Sizo Zitwara Ariko Umwumvikano Niwo Uja Imbere Yavyose

  • Ntawuhora Ku Ngoma Kandi Inguvu Sizo Zitwara Ariko Umwumvikano Niwo Uja Imbere Yavyose

  • Mwari Mwaroye He?Ariko Ntaco Zanana Inguvu Dutembagaze 3ème Mandat,

  • Ivyobavuganivyo kuko uburundi nigihugu kirimwo abenegihugu.ntabwari itongo ryase nanyina cank ikibanza yoba yaragoze.turasavye amaradio yuko boyugurura igipolice kigahagarika kwica abo cokingiye.

  • Turasavye abagumyabanga bakunda umugambwe n’igihugu ko twohagurukira rimwe natwe tukiyamiriza Petero Nkurunziza ko yosubira kwitoza. Duhebe twemere igihugu kirwe mukaga kubera agatsiko k’abantu baronderera inyungu zabo gusa? Aha ntimubona ko Nkurunziza atagikomeye mu mutwe? Muragendereza mumwumvirize ariko aravuga: Regard vide, des discours sans consistance et des mots aussi sonors que creux. Uyo niwe twokwemera kuguza ighihugu, n’umugamwe wacu?

  • NONE KOMUTA IMINWA? AKARIRI GAKE, KUKO AMAJAMBO MESHI ARUTWA NARIMWE NUKO TWIHANGANA NKUBU NATWE DUSHIZEKO TUGAHANGANA MWOTAGARA KUKO MWONGIRINGORANE UKO NINKUGUKORA INGWE MUJISHO

  • Banyagihugu ko igipolice kibankira nikigenda nkurunziza abe irico atwara kuko abanyagihugu banse ntushobora kubahadikiriza kunguvu iyo muri 2010 banka bakavuga bati ntimushaka yari gutwara amabuye nibiti mupolice igenze runtu kuko ijambo sirwawe ijombo numunyagihugu umupolice ariko abica bigahera azocika ikimaramare ninaba mbeshe urazompinyuza.

  • @birihanyuma
    genda ufashe abo ku musaga uragapfa wipfane twebwe ntituzogukurikira,urinda urondera abagumyabanga ntubona ko ufise ama choix menshi,nyakabiga ,musaga,jenda aho hose ntugende gufasha guturira imiduga ya reta,bo baturira ivyabahutu wewe nawe uzoturira ivyabatutsi,bazoca bagutrira mwipine sha bo ntibafyina nkawe.Ugomba ube nka ca kirofa onésime camaramaye bacirukanye mu mugambwe kigatangura kuvuga ayamuhe ngo hari imbonerakure zifise ibigwanisho akazita mu menyyo y’ibiryanyi mbe uyo wombwirako adakorera inyungu ziwe,nawe ukorera inyungu zawe nico kimwe ako kagwi ugaya iyo kataboneka ntuba uriko uratura imibe uhimvye ntacoyimena,niwamara mbega kubafata canke kubafatisha bizoca bigenda gute?Abatutsi mwafatanije bazoca baja ahantu bakurindire ko uri umugumyabanga mwiza baguprotokore bakwimike comme president bandes de debile,babonye mugiye gushikira agahiye bazokwikiza et c’est tout mbe mwibaza ngo banka peter nikiringo ciwe ca kabiri,nta muhutu numwe bakunda beaucoup moins alors ababadirigiza inyuma kuko nta jambo kuribo mufise,mwibaza bagondoje peter wewe bazokureka ,kanguka ntugume mu buriri ukarabe mu maso wikuri ibitirotiro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.