Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyakongo 19 bafatiwe muri Afrika y’epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyakongo 19 bafatiwe muri Afrika y’epfo

Abanyakongo 19 bafatiwe muri Afrika y’epfo

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Igipolisi ca Afrika y’epfo cafashe abanyakongo bakekwa kuba ari abarwanyi bakaba bari mu buraruko bw’igihugu.

Nk’uko bivugwa n’igipolisi ca Afrika y’epfo, abagabo cumi n’icenda bava muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bafashwe mu gitondo c’uno munsi, bafatirwa i Limpopo, intara iri mu buraruko bwa Afrika y’epfo.

Ntiharamenyekana neza ico uwo mugwi w’abanyakongo wakora muri Afrika y’epfo, ariko ifatwa ryabo bivugwa ko rije inyuma y’amezi make igipolisi kibarereka.

Umwe mu bihweza ibintu n’ibindi mu vya gisirikare, yavuze ko imbibe za Afrika y’epfo zitugaye neza, ngo ariko yatangajwe n’ubwinshi bw’abo bantu bafashwe.

Abo banyakongo bazoca bajanwa imbere ya sentare i Pretoria. Bagirizwa kurenga kw’itegeko ribuza ibikorwa vya gisikare ku banyamahanga, rikaba rigamije gukumira ibikorwa vy’ubucangero.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.