IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyamerika baba mu Burundi bagabishijwe

Abanyamerika baba mu Burundi bagabishijwe

mercredi 4 Munyonyo 2015, par egide

Reta ya Amerika iragabisha abanyamerika ku ngendo bagira mu Burundi, ikabasaba ko bogabanya ingendo zidakenewe cane mu Burundi.

Mu rwandiko bashize ahabona, Reta ya Amerika yamenyesheje ko ubwicanyi bwa poritike bubandanya mu Burundi bwose, kuva inyuma y’amatora yiyamirijwe, ugushaka guhirika ubutegetsi, hamwe n’impari ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Urwo rwandiko rumenyesha ko urwamo rw’amasasu n’amagerenade bidasiba kwumvikana. N’aho abanyamahanga badakunze kugirwako ibitero, Reta ya Amerika imenyesha ko umurwi w’iterabwoba wa Al-Shabaab wo muri Somaliya wamaze kugabisha ko ushobora gutera Uburundi, Reta ya Amerika ikagabisha ko abanyamerika bari mu Burundi bashobora kuronderwa n’abo bihevyi ba Al-Shabaab.

Reta ya Amerika isaba abanyamerika baba mu Burundi ko boza barakurikirana ku mwanya ku mwanya amakuru yaba ayaca ku nsamirizi zo mu Burundi canke ku mbuga ngurukanabumenyi, birinde kandi kwegera ahari abantu benshi.

Ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bumenyesha ko bukurikiranira hafi ingendo z’abakozi babwo, bukabihanikiriza ingendo zo kuva isaha cumi na zibiri z’umugoroba gushika isaha imwe y’agatondo. Ubwo buserukizi busaba abanyamerika kwirinda ingendo ku mabarabara asohoka igisagara ca Bujumbura (Routes Nationales), mw’ijoro canke mu bucagucagu.


IGIHE

Messages

  • ivyo muburundi ntawobishobora nne bo bavyumvise gut kobazoza gutera uburundi nibareke kubesha

  • izombwa ziraza tuzrke !bibaza ko rwitaha?

  • abarundi turaciye uawenge nibareke kuduhenda kandi dufise abajejwe umutekano bakomeye,

  • Heheheheeeeee ndabatwanze birofa

  • oya nibatekere bagende, urabona iryo terabwoba ryabanyamerica?? uburero bakamiye mucoze cenared. izocitangura kugandagura abo bazungu hama ngo niporisi yabikoze, turasavye ko abo bicacanyi bova mumazu yabanyagihugu bakaja ahabona Hama turwane imbonankubone, uzonesha uwundi atware...urabona ukuntu abatutsi bomugisagara basigaye barara ntibuca?? uhishirirumusuma ugafutwa nkawe..ikibarirwa nicumva....

  • Amerika urakoze uburero inkoho ya Al Shabaab niyinjavyi ntivyokworohango tuvujengo irijwi ryiyinkoho niryinjavyi ngokwinjavyi zishigikiwe na Amerika turazireka, atariko irijwi ryiyinkoho nirya Al Shabbab nugukubita, ivyontavyotwoshobora. Icotugiye gukora yabinjavyi, yaba Al Shabbab nugukubita ntakuzorebera nguyu ashigikiwe na US canke ngo ni Al Shabbab against thank u US gurakokagohe ukubitiye reta yuburundi, gusa ndanezerejwe nuko muhujwe nijambo nyakwubahwa umukuru wuburundi Pierre Nkurunziza yariyaraye avumereye avugako uwundahagaritse kwica abarundi/abantu azofatwa nkumuterabwoba, none na US muramwunganiye mukuvugako Al Shabbab yiteguye gukora ibitero vyiterabwo. Ewe Burundi uragasimbimanga! Ndagushimiye nukuri.

  • Ewe america waherewe urikuduterubwoba ngo shababu erega shababu niyaza yoyo ntitoranya umuhutu canke umututsi iconzico izohera kwico ki ambasade canyu nabarimwo bose nakare ababa mugisagara 80% ninyenzi baraza babamesure twebwe hapfa10 hakavuka100

  • Wumvise kumbe iryamigwiniya banyamerika mutama kurayo abasodabawe maze ndabe ahobazokura abandi basoda barinda bintwari kurugamba na amerika icifatwa

  • @ none ?

    Va muriryo tiro urimwo. Mbe iyo uri ntiburaca ?

  • ABARUNDI NITUREKE KWIFATANKABATASOMYE TURAYOBEWE IVYOGAJURU KO VYAMAHEJURUYACU NITUZE NDUTAGA INYISHUZICIYUBWENGE

  • Erega Amerika Naho Bavuga Kwar,igihugu C,igihangange;ariko Niyambere Mubanyabwoba( Twege Ingabo Z,igihugu N,igipolisi C,uburundi Barikwije) Rero Amerk Nitware Abayo Twege Twimenye!

  • Mana Tabara Igihugu Cyawe Kuk Kigez Aho Umwas Ashaka.Abawe Barimwo Kuryana Bapfa Ubusa.

  • YEMWE MUZEDUSENGECAN KUKO BIRUMVIKANA KO AMERIKB NIYO NIYO ISHKA KUTUGU RIRIRA MUBASGBABU NICATUMYE AMAHORABURA MURI SOMARI NIAMERIKA KUGIRA IBINTUVYABO VYABUZISOKO BIYIRONKE TWEBWE RERO DUHAGAZEMUMASEZERANO ARIKO WEWE AMERIKA TUZOKUVIRAHASI URAZIKO ABASHABABU AYOBABAKOREYE MUTUVYOGOROZE TUZOBEREKA INGENIMISAMBISASWA NIMUTUVEKO MURABIVYANYU MUTARABONISHITINGI

  • abana b’Uburundi turacahagorewe pe!!!abantu tugire kugandagurwa nabodukingiye ngo imvo ngo nabiyamirije ikiringo ca gatatu ca nkurunziza...ubu naho ngo el shababu ngo yiteguriye gutera uburundi.hahahaaa,abatavuga rumwe n’ubutegetsi bo bazohashirira bitwa ngo ni inkozi zikibi zateye.abanyemerika bo reta yabo irabitayeho sico kimwe natwe abarundi.

  • Jew ico Mbona Novuga Kuriy Nkur Bokwumvira Impanuro Zanyu Kuko Ahatari Ibiganiro Hama Inryane Canke Nimwaba Muzi Neza Ko Abo Ba Elshababu Bari Muburundi Nimukebure Twese Apana Gukebura Abany’america Kuko Sibo Bafise Ubuzima Bonyene Natwe Turabukeneye Murakoze.

  • Arik na amerika ubu rer yitaho anyamerika gus twebw abarund batubon nk’utuyab!
    ahubw nakamaramaz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.