Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi

Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi

dimanche 5 Rusama 2013

Amashirahamwe n’amahinguriro bigera ku jana na mirongo ibiri ku kwezi birahabwa uburenganzira bwo gukora mu Burundi. Ayo mashirahamwe n’amahinguriro bikaba bigeze ku mutahe w’imiliyaridi amajana icenda z’amafaranga y’amarundi.

Kuri ivyo, ubuzi bugera ku bihumbi bitandatu n’amajana atandatu na mirongo icenda(6690) nibwo bwashoboye gutangwa.

Tubishikirizwa na Adolphe Birehanisenge, umukuru w’igisata kijejwe iterambere mu rwego rujejwe kworohereza abanyamitahe n’abashaka gutanguza amashirahamwe mu Burundi API (Agence pour la Promotion des Investissements)

Adolphe Birehanisenge amenyesha ko biciye muri ico gisata API, ishirahamwe rishobora guhabwa uburenganzira bwo gutangura gukora mu kanya gato cane, harishwe n’amafaranga atavuna kuko ubu ageze ku bihumbi mirongo ine gusa vy’amafaranga y’amarundi.

Adolphe Birehanisenge aremeza ko amashirahamwe menshi afise ibibazo vy’imitahe ariko abamaze gutanguza imigambi bamenyesha ko ufise intumbero itomoye y’umugambi, umutahe uheza ukaboneka, kuko naho hotanguzwa amahera make araba arakora mu kurindira ko ayandi aboneka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.