IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 10 bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

Abanyeshure 10 bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka

vendredi 5 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure cumi bakomerekeye mw’isanganya ry’imodoka ryabaye ku mugoroba ryo kuri uwu wa kane, kw’ibarabara RN7 rihuza Matana na Rutana, mu ntara ya Bururi. Muri abo banyeshure bakomeretse, batatu muribo barakomeretse cane.

Musitanteri wa Komine Rutovu amenyesha ko hari n’abandi banyeshure cumi bakomeretse bisanzwe, bakaba bariko bivuza bataha iwabo.

Abo banyeshure bari muri iyo modoka, bakaba bari bavuye gukora ikibazo ca Reta c’ukwitegurira gutangura amashure ya Kaminuza, ku banyeshure bahejeje amashure yisumbuye (Examen d’Etat).

Iyo modoka yariko igendera ku muvuduko munini, nk’uko bivugwa n’ababonye iryo sanganya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.