IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 213292 nibo bazokora ca kibazo ca Reta "concours (...)

Abanyeshure 213292 nibo bazokora ca kibazo ca Reta "concours national"

mercredi 14 Rusama 2014

Abanyeshure bagera ku 213292 nibo barindiriwe gukora ca kibazo ca Reta giha uburenganzira abanyeshure bari mu mwaka wa gatandatu, bwo kuja mu mashure yisumbuye.

Indwi zibiri nizo zisigaye kugira hakorwe ca kibazo ca Reta "Concours national". Nk’uko rero vyama bigenda, umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye Roza Gahiru yarakoze igikorwa co gushira mu mwiherero ababa batoye ibibazo bizokorwa, ico gikorwa kikaba catanguye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20.
Ico kibazo rero gitegekanywa gukorwa ku genekerezo rya 27 Rusama umwaka w’2014. Ibice bishika 70 kw’ijana vy’abanyeshure akaba aribo bategekanya gutora ico kibazo bakazoca baja mw’ishure shingiro.

Mu mwaka w’2013, umwaka wa mbere hatanguriyeko ishure shingiro, abanyeshure bashika ku 232000 nibo bakoze ico kibazo kibaha uburenganzira bwo kwunguruzwa mu mashure yisumbuye. Ibice 60 kw’ijana akaba arivyo vyinjiye mw’ishure shingiro.

Mwomenya rero ko abo bigisha nyene batora ico kibazo, ari nabo baca batora nivyo abigisha bazorabirako mu gukosora (les critères pédagogiques pour évaluer).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.