IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bitegurira kuja muri Kaminuza batanguye gukora ikibazo ca (...)

Abanyeshure bitegurira kuja muri Kaminuza batanguye gukora ikibazo ca Reta

lundi 1er Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye batanguye kuri uwu wa mbere gukora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura amashure ya Kaminuza. Ico kibazo catanguye kizokorwa n’abanyeshure barenga ibihumbi 43, bakazokorera mu mashure 678 mu gihugu cose.

Mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo catangujwe gukora ku mugaragaro n’umushikiranganji w’indero, Janviere NDIRAHISHA, hakaba hari kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.

Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji, muri uwu mwaka, igishasha n’uko bazorabira gusa ku manota yo mu kibazo ca Reta umunyeshure azoba yaronse, bikaba bitandukanye n’ivyahahora, aho bashira hamwe amanota yo mu kibazo ca Reta hamwe n’ayo mw’ishure.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje kandi ko Reta iriko iriga ingene hokurwaho ivyo kwongera amanota abanyeshure (Coptation). Uwo mushikiranganji agasaba abanyeshure bariko baragikora ko boshiramwo umwete.

Abanyeshure bari bitezwe kuri uwu wa mbere gukora ico kibazo barenga gato ibihumbi 43, mu bibanza 678 vyo mu Burundi, hamwe n’ikibanza kimwe c’i Nairobi mu gihugu ca Kenya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.