IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi (IPA) bahagaritse ivyigwa

Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi (IPA) bahagaritse ivyigwa

vendredi 13 Rusama 2016, par egide

Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi bari mu ndinganizo nshasha y’inyigisho ya Baccalauréat, mu kigo IPA (Institut de Pédagogie Appliquée) bahagaritse ivyigwa. Abo banyeshure bavuga ko badatahura ingingo zimwe zimwe zifatwa n’abajejwe ivyigwa, nk’iyiheruka gufatwa ijanye n’ukudakora ikibazo c’icigwa baba bahejeje kwiga.

Abo banyeshure bavuga ko babujijwe gukora ikibazo c’icigwa bahejeje nk’uko vyahora, bakavuga ko banditse amakete kenshi basaba insiguro y’iyo ngingo bafatiwe, ariko ata nyishu bigeze baronka.

Abo bahagaritse ivyigwa bavuga ko gusubira mw’ishure ari mpaka ivyo basavye bitorewe inyishu, bagasaba ko iyo ngingo yafashwe yosubirwamwo.

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi baheruka kwandikira umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.

Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.

Mu rwandiko baheruka kurungikira umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure baserukira abandi bari bagabishije ko umwanya uwariwo wose ivyigwa bishobora guharikwa, bakavuga ko bafise kandi amakenga kuko badakoze ibibazo ku mwanya bishobora gutuma baza kugira umurengera w’ibibazo bategerezwa gukora mu mpera z’umwaka, bigatuma benshi muribo bayoberwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.