IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta n’ayigenga bahakanye kwitaba akamo (...)

Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta n’ayigenga bahakanye kwitaba akamo batewe

jeudi 16 Gitugutu 2014

Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta n’ayigenga bararahira bakarengwa ko batagiye gusubira ku mashure mu gihe ivyo basaba bitaratorerwa umuti.

Abo banyeshure babishikirije kuri uno wa kane, igenekerezo rya 16 inyuma y’akamo katewe n’abayobozi b’ayo makaminuza ane ariyo kaminuza y’umuco, iy’ibiyaga binini, kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika hamwe na kaminuza yitiriwe Martin Luther King, bose babahamagariye gusubira ku mashure kuko ivyo basaba bibiri kuri bitatu vyatorewe inyishu. Mw’itangazo ryasohowe kuri uno wa gatatu, abo bayobozi bavuga ko mu gihe batosubira ku mashure kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17, bizoba bisa naho batakiri abanyeshure babo na rirya iyo yegereyere itabavuyeko, babagabisha ko bashobora gufata izindi ngingo mu gihe batosubira ku mashure.

Inyuma y’inama bagiranye n’ababarongoye, abanyeshure baserukira abandi bafashe ingingo yo kubandanya yegereyegere. Tubibutse ko abo banyeshure bahagaritse ivyigwa kuwa 3 Gitugutu basaba kumenya amategeko agenga impamyabushobozi bazohabwa mu ndinganizo nshasha z’ivyigwa BMD (Baccalauréat - Master - Doctorat) hamwe n’agaciro kayo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.