IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta ntibitavye akamo k’umukuru (...)

Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta ntibitavye akamo k’umukuru w’igihugu

lundi 21 Ndamukiza 2014

Imvugo yabaye ingiro, abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta ntibitavye akamo bari batewe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko gusubira mu mashure.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Ndamukiza, niryo sango ryari ryatanzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi kugira ivyigwa bitangure, inyuma yaho akuyeho zimwe mu ngingo zari zatumye abo banyeshure baja muri yegereyegere.
Aho ikinyamakuru IGIHE caciye muri kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’uburundi, vyibonekeje ko akamo katitabwe.
Naho umuyobozi wa kaminuza nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) yari yasohoye itangazo abatumirira nawe nyene kwitaba akamo k’umukuru w’igihugu, abo banyeshure ako kamo bagafashe nk’abatakumvise.

Mu biro vy’umunyamabanga (secrétariat) w’umuyobozi w’iyo kaminuza Janvière Ndirahisha, batumenyesheje ko bazogira ico bashikirije ku munsi w’ejo, kuko abanyeshure bashobora kuba batitavye akamo, kuko boba bakiri mu minsi mikuru ya Pasika. Muri ivyo bigo harangwa abigisha gusa, nabo nyene bariko biterera ryarenga kugira umwanya ube urahera. Eka no muri kaminuza y’Uburundi nta n’inyoni yari mw’ishure.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uno wa mbere n’abanyeshure baserukira abandi, basavye bagenzi babo kutitaba ako kamo. Tubibutse ko icuka kibi camaze gusaba indaro muri abo banyeshure kuva aho uwitwa Epitas Ndayambaje, umwe mu bahora baserukira abandi asohoreye urwandiko rihamagarira abo banyeshure gusubira kw’ishure atagishije inama abandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.