IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta n’ayigenga baragabisha ihagarikwa (...)

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta n’ayigenga baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa

samedi 27 Nyakanga 2014

Abanyeshure biga mu ma kaminuza ya Reta n’ay’igenga, muri ya ndinganizo BMD baragabisha ko bashobora guhagarika ivyigwa mu gihe batomenyeshwa impamyabushobozi bazohabwa muri uwo mugambi BMD.

Abo banyeshure bamenyesha ko barajwe ishinga no kumenya impamyabushobozi bazohabwa, mu gihe imyaka itatu igomba irangire hatanguye indinganizo nshasha y’inyigisho BMD (Baccalauréat, Master Doctorat), abanyeshure biga muri ayo ma kaminuza ya Reta canke ayigenga bataramenya gushika ino saha ubwoko bw’impamyabushobozi bazohabwa. Abo banyeshure bavuga ko bababajwe n’ukungene ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi butaratorera inyishu ico kibazo. Abo banyeshure rero bakaba bagabishije ko bashobora gutangura yegereyegere guhera kuwa 2 Gitugutu uno mwaka, mu gihe ivyo basaba vyoba bitaratorerwa umuti, nk’uko biri mw’ikete bandikiye umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Yozefu Butore.

Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza Yozefu Butore arabahumuriza akabamenyesha ko nibarangiza umwaka w’ishure bazomenya impamyabushobozi bazoronka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.