IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa

jeudi 22 Rusama 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basubiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko batagishoboye gutonda mu mashure, basaba ko agafashanyo k’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama koshirwa ku ma konti yabo.

Guhera ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Rusama, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi barahagaritse ivyigwa kiretse abariko bakora ibibazo gusa. Imvo yabitumye, nk’uko tubimenyeshwa n’umwe mu banyeshure baserukira abandi Ngabo Spageon, abo banyeshure bahagaritse ivyigwa kubera batararonswa agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama. Abigisha ba kaminuza bari basavye, mu nama bagiranye n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore kuwa 6 Rusama, inama ndetse yanatumye abanyeshure basubira ku mashure mu gihe bari bamaze amezi abiri batiga, ko boca baronswa ako gafashanyo vuba, kugira bashobore kwibeshaho. Ariko abo banyeshure bavuga ko imvugo itabaye ingiro, kuko ivyasabwe n’abo bigisha bitubahirijwe. Abo banyeshure bavuga ko ubuzima bwabananiye, kuko bamwe bariko birukanwa mu mazu bapanze, abandi nabo, cane cane ababa hanze y’ibigo vya kaminuza bakagwa isari nk’uko uwo munyeshure Ngabo Spageon abandanya abishikiriza.
Bagira bati : "Si yegereyegere nk’uko abenshi bariko babivuga ahubwo n’uko vyatunaniye kubaho no gutonda ku mashure mu gihe tumerewe nabi."

Abo banyeshure bavuga kandi ko n’ubwo bivugwa ko agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza batazogahabwa kubera ko batari ku mashure, babona ko ari akarenganyo kuko bobo batarabwa n’itegeko rigenga abakozi n’akazi rivuga ko iyo batari ku mirimo baca bakatwa agafashanyo bahabwa. Bavuga ko amafranga baronka yitwa agafashanyo (assistance financière) ari nayo mpamvu batokatwa uko kwezi.

Umuyobozi mukuru w’uburaro muri kaminuza y’Uburundi yemeye kugira ico avuze ku muhingamo wo kuri uno wa kane.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.