IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bati : "Uta inkoko ariko ntuta ico (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta bati : "Uta inkoko ariko ntuta ico ibitse"

jeudi 13 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, hamwe n’ishure nderabigisha ENS basohoye itangazo biyamiriza iterabwoba ririko rigirwa n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, ku banyeshure batanu babaserukira.

Mu rwandiko basohoye, babanje gushima akigoro k’umushikiranganji kubona yaremeye guhura nabo banyeshure ku magenekerezo ya 25 Ruhuhuma na 11 Ntwarante umwaka w’2014, mu ntumbero yo kuganira ku bibazo bafise, ariko bakavuga ko kubera ko umushikiranganji yabahaye inyishu ko ibibazo bafise bimurengeye, bashimye kubandanya berekana akababaro kabo mu guhagarika ivyigwa, bizera ko inyishu ishobora kuva mu nzego zindi zikurira ubwo bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza.

Abo banyeshure rero bariyamiriza iterabwoba ririko rigirwa ku basanzwe babaserukira batanu, basanzwe batowe n’abanyeshure kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma umwaka w’2014.
Abo banyeshure babandanya bagira bati : "Nyakubahwa mushikiranganji, mu rwandiko twanditse mbere tutaratangura na yegereyegere, twarerekanye neza ko ibibazo dufise bisaba inyishu yihuta kugira ibikorwa bibandanye." Babandanya bagira bati : "Twagomba tukumenyeshe rero ko ingorane dufise si abanyeshure batanu baserukira abandi muriko muratera ubwoba, ahubwo ni amategeko abiri ateye ingorane, ni naco gituma nyakubahwa mushikiranganji wokwishura ibibazo dufise, kuko uta inkoko ntuta ico ibitse.

Abo banyeshure bakavuga ko batumva ingene mu gihe bariko basabira ibintu hamwe bose amakaminuza ya Reta uko ari atatu, ariko abariko baraterwa ubwoba akaba ari abo muri kaminuza y’Uburundi bonyene, bakabona ko ari gushaka kubacanishamwo gusa.
Mwomenya rero ko urwo rwandiko rwateweko igikumu n’abanyeshure 134, bakamenyesha ko mu gihe batishuwe inyishu itomoye ku bibazo bafise vy’agafashanyo bahora bahabwa kagiye guhagarikwa kuri bamwe, bagiye kubandanya ihagarikwa ry’ivyigwa. Amakuru dufise ava muri kaminuza y’Uburundi amenyesha ko ingingo zamaze gufatwa. Kuri uno munsi wa kane, mu bigo vya kaminuza, imbabura ziramanitse, ntibatetse. Ivyo abo banyeshure basaba navyo akaba ari ugusubiramwo amategeko abiri, irisubiramwo ukungene agafashanyo gahabwa aho kazohabwa bamwe kakimwa abandi, hamwe n’itegeko rivuga ko umunyeshure ayobewe atazosubira kuronka agafashanyo, abo banyeshure bakabona ko hagiye kwiga muri kaminuza abana b’abakire gusa.


Floxella Karire

Messages

  • ivyiyi ntwaro,biratuyobeye!!!aheza kwigisha abana kubuntu,akubaka ibirasi abatutsi batigeze bubaka,nagira ngo agire agire inguvu abahutu baje kwishule ari benshi,sinarinzi ko ari alphabetisation de destruction massive!FUTAMENTAL itaratamwo!Abakunda kuririmba genocide intellectuel kobadakoma!Ubu mumakaminuza sivyo kudeha abahutu ni bo benshi,none mwobiha insiguro iyi he?Ubwo Peter ntimwamwihenzeko nkuko Buyoya abatutsi bamwihenzeko?Mugabo ayo nayinda babuze aho bakura amahera none bavuvudukiriye utu bourse twabahutu biviriye za Cendajuru na Ruzo atamuhutu basanga i Buja ngo abahe indaro!Mayina nkuko vyama,n’abatutsi babigize!UTORA NABI UGATWARWA NABI!

  • kumpanvu zuko ata buringanire buri mubakozi bareta cane cane mugisata cindero,ahanini hiharijwemwo abubwoko bumwe abatutsi na batutsikazi,barenga ibice70% murico gisata,nico gituma hamamwo akajagari,bavuga bati reka dutobe,biboneke ko L ,Etat vyayinaniye gutwara,ikindi naco babonye abahutu bijukiye ishure kubwinshi,ntibibagwa neza,erega bashaka kwiga bagaca ubwenge bonyene,mbega urazi uwoshiraho itegeko ryuko haba50%kubwoko bwose,kurya biri munzego zumutekano,muga abonyene nibo batovyemera.nihabe Eculibre Ethin-mubwoko bwose urabe kohari akajagari usubira kwunva,igihe haba ukunganisha ubwoko kubayobozi bamashure,ntimwibuka ukuntu bavugije induru,ngo mama hashijweho abatabishoboye,ngo nabana mukazi,ngo ntaburambe bafise mumwuga,ngo bakumiriye bamwe nabandi,ngo hagiye aba CNDD bonyene,nibindi vyinshi mwagiye murunva bica kuma Radio.ico nsavye ugwo gwaruka birinde abanya politique bobasuka ngo babakwegere mumigumuko,baje hafi yabavyeyi babo babe barabafasha ibikogwa vyo muhira iwabo,ikindi birinde ingeso mbi zokuja kumarigara,bibakwegera mubusambanyi,muvyirinde banyeshure,bitabononera kazoza kanyu.

  • Abo banyeshuri muriko muromora ejo muzohava nabo babasubirire.
    Abategetsi bari bakwiye kwiyumvira ko igihugu gikeneye abantu baciye ubwenge kandi bintungane. Ubwoko ntaho bisa nukwiga.Umuntu wese akeneye kwiga hama akagira ikimazi kugihugu.
    Izi ngingo zose zivyaduka zifatwa ni kubera intwaro mbi irangwa nubusuma yimonogoje.Ubu ntaho ikironka imfashanyo niziza nazo ziboneka arinke. Bituma rero iyo ntwaro ita umutwe. Mu misi iheze umushikiranganji wikigega ca leta
    yasiguriye abashingamateka ko bagomba gushira mu minwe y`abikorera utwabo amashirahamwe ya Leta amwe amwe kubera ko Leta ifise ubukene itoshobora kuronka amahera izokoresha mu mwaka 2014.
    Iyo Leta imenye ko ivyo iriko irakora ubu izobibazwa.
    << MURIKO MUBARYA IMVANDA NABO BAZOBARYA IMVI.>>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.