IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta basubiriye kwandikira umukuru (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta basubiriye kwandikira umukuru w’igihugu

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Abanyeshure biga mu ma kaminuza ya Reta bandikiye ubugira kandi umukuru w’igihugu bamusaba gufuta ingingo ya 24 ivuga ko uwuyobewe adasubira kuja mw’ishure.

Kw’igenekerezo rya 12 Rusama, amezi abiri azoba arangiye abanyeshure bo muri kaminuza nderabigsiha ENS hamwe na kaminuza y’Uburundi bari mw’ibarabara. Igitangaza rero, n’uko inzego zitandukanye yaba mu bajejwe igisata c’indero, mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza, agacerere ni kose hamwe no mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza, mu gihe abanyeshure bari bamaze ukwezi kurenga bari muhira, abatari bake bari biteze ko vyinshi bigiye guhinduka abanyeshure basubire ku mashure, kuva aho umukuru w’igihugu afatiye ingingo yo gusubiramwo ingingo imwe mw’itegeko nshikiranganji. Ariko nico gihe ntibigeze bitaba ako kamo kuko bavuga ko ingingo ya 24 yo mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ivuga ko uwuyobewe adasubira kuronka agafashanyo batayemera.
Mu rwandiko abo banyeshure basohoye kuri uno wa gatatu, bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba ko yofuta ingingo ya 24 isubiramwo uko agafashanyo gatangwa, bakavuga ko hamwe yobishura ata kizoba gisigaye baca basubira ku mashure, ibisigaye navyo bakazoheza babiganire ariyo bari, nk’uko bivugwa na Serge Claver Nzisabira, umwe mu baserukira abo banyeshure.

Abo banyeshure bakaba barindiriye iryo umukuru ahava ashikiriza mw’ijambo ryo kwipfuriza Uburundi n’abarundi umunsi mukuru w’abakozi uzohimbazwa ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya mbere Rusama.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.