IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta biyamirije abanyeporitike (...)

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta biyamirije abanyeporitike babiyitirira

mercredi 12 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta, kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa mu kiringo kitazwi, nk’uko bari bagabishije. Abo banyeshure bamenyesha ko bagiye kugira urunani rw’intamenwa muvyo basaba vyose, kuko basanze ingingo baherutse gufatirwa yo guhagarika agafashanyo kuri bamwe itaraba ubwoko, umugambwe, canke intara, ahubwo iraba umurundi wese, na cane cane abanyeshure banyarucari.

Guhera kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014, abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta, n’ishure nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa mu kiringo kitaramenyekana. Imvo zatumye batangura iyo yegereyegere ni itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu, risubiramwo itangwa ry’agafashanyo abanyeshure bahora baronka. Nk’uko bishikirizwa n’umunyeshure Hategekimana William, aserukira abanyeshure bo kw’ishure nderabigisha ENS, bariyamiriza kandi itegeko ry’umushikiranganji ryerekana ingene abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bazinjira muri kaminuza. Bimwe mu vyababaje abo banyeshure, n’uko umunyeshure azoba ayobewe atazoronka akaryo ko gusubira kuronka agafashanyo. Ikindi kandi kibateye umutima ahagaze, n’uko Reta yatandukanije abanyeshure, aho agafashanyo kazohabwa bamwe, kakimwa abandi.

JPEG - 36.8 ko
Abaserukira abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS

Abo banyeshure bamenyesha ko mu gihe Reta itokwerekana ugushaka kwo gusubiramwo izo ngingo, bazoguma muri yegereyegere. Abo banyeshure basaba kandi abanyeporitike kudasubira kubiyitirira, kuko kubwabo, ivyo bariko barasaba ntibiraba ubwoko, umugambwe canke intara.
Abanyeshure bariko basubiramwo ibibazo (2eme session), hamwe n’abanyeshure biga mu mwaka w’indwi mu gisata c’ubuvuzi bafise ama ’’stages’’, akaba aribo bonyene bafise uruhusha rwo kubandanya ivyigwa. Bamenyesha kandi ko ivyo basaba vyose bazobisaba mu mutekano ntangere.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.