IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri za kaminuza icizere ku nama rukokoma ntibagira (...)

Abanyeshure bo muri za kaminuza icizere ku nama rukokoma ntibagira namba

mercredi 8 Gitugutu 2014

Amakaminuza ya Reta n’ayigenga arabandanya yegereyegere yatanguye ku munsi wa gatanu. Abo banyeshure basaba kumenyeshwa impamyabushobozi bazoronswa mu ndinganizo nshasha BMD (Baccalauréat- Master-Doctorat ).

Abo banyeshure bagiriza umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushikiranganji gusa n’uwudashaka gutorera inyishu ico kibazo. Mu nama umushikiranganji wa kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore ari kumwe n’uw’abakozi n’akazi Annonciate Sendazirasa bagiranye n’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, ku munsi wa mbere, abo banyeshure ntibanyuzwe n’inyishu zagiye zitangwa n’abo bategetsi babiri. Abo banyeshure bavuga ko bafise impungenge ko ivyabaye vyo kubinjiza mw’indinganizo nshasha BMD bishobora kuba vyabaye nk’igerageza ‘’Expérience’’. Ku bwabo baratangazwa n’ukungene imyaka itatu igomba irangire bataramenyeshwa impamyabushobozi bazoronswa n’agaciro kayo.

Muri iyo nama umushikiranganji Yozefu Butore yasubiye kubasaba kurindira inama rukokoma y’indero itegekanijwe mu mpera z ‘ukwezi kwa Munyonyo. Ivyo abo banyeshure bavyamirira kure kuko batagira icizeye kuri iyo nama rukokoma izotunganywa. Aha batanga uturorero tw’inama rukokoma y’uburimyi, inama rukokoma y’ubutungane n’izindi zagiye zikorwa ariko gushika n’ino saha akaba atawurakubita ijisho ivyegeranyo vy’ivyavuye muri izo nama canke ishirwa mu ngiro zavyo.

Tubibutse ko abanyeshure bari muri yegereyegere ari abo muri kaminuza y’Uburundi, kaminuza nderabigisha ENS, kaminuza y’ibiyaga bigari (Grands lacs), Kaminuza yitiriwe Martin Luther King, kaminuza y’Umuco (Lumière), kaminuza Yitiriwe Ikiyaga Tanganyika. Aha twobibutsa ko na kaminuza ISD (Institut supérieur de Développement) imaze kugabisha nayo ko ishobora guhamvya bagenzi babo.


Floxella Karire

Messages

  • Biratangaje kubona bategura ivyigwa bizotangwa bakananigwa nugutanga uburinganire bwimpamya bushobozi yuwumaz isomero muriyo ndinganizo ya BMD! ntakwikurako nibavyerekane.

  • Nakamuna kuko izonyigisho aho bazikuye baraberetse nabone ingene vyahindutse,none nibishasha bazanye ataho babikuye?mbega batinya iki kubizana ukwahandi bimeze?mbega izompamya bushobozi zoruta izatangwa munyigisho zakera?mbega ubumenyi bwariyongereye cank bwaragabanutse?twizereko tutasubiye inyuma nk’ibirenge.nimba atanyungu za politike zirimwo ikikibazo cova munzira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.