IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyororo 75 bagirizwa kuja mu myiyerekano bambitswe izera

Abanyororo 75 bagirizwa kuja mu myiyerekano bambitswe izera

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yashashe kuri uwu wa kabiri mu rubanza rw’abantu barenga amajana abiri bari bapfunzwe bagirizwa imigumuko, bakaba bafashwe bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA. Muri abo banyororo, abagera kuri 75 bambitswe izera.

Abo banyororo barengutse imbere y’intahe kuri uwu wa kabiri ni abari bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Mu gihe nka bose bari basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose, sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo y’ukwambika izera abagera kuri 75, abandi bakatirwa umunyororo wo kuva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.