IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abari baroye gufuba abishwe mu myiyerekano bahatswe guterwa ivyuka (...)

Abari baroye gufuba abishwe mu myiyerekano bahatswe guterwa ivyuka vyokera

samedi 9 Rusama 2015

Abariko baja gufubana iteka abasore babiri baheruka kuraswa n’abaporisi mu myiyerekano yabaye muri iyi ndwi, ntiboroherejwe n’abaporisi, aho hahatswe n’uguterwa ivyuka vyokera, bamwe baramira.

Mu rugendo abaherutse kuburira ababo mu myiyerekano aribo Anaud Nkurunziza yarasiwe muri komine ya Musaga na Pascal yarashwe mu mugongo n’umuporisi w’igihugu muri komine ya Nyakabiga, rwaburabujwe n’abaporisi, bari barongowe n’uwutwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura.

Abariko baja gufuba ababo, bageze hafi y’amasanganzira ari hafi y’ishirahamwe LEO, basanze batangiriwe n’abaporisi isinzi, barongowe n’uwutwara igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, baca babasaba ko batorenga aho. Ibintu bikaba vyahavuye bikomera, mu gihe abo bari mu myiyerekano batanguye kuririmba Burundi Bwacu, abandi nabo hirya imishamirano yatanguye hagati y’abo baporisi n’abariko baja gufuba ababo. Ishavu ryaduze rwose mu baporisi, bamwe bakubita abaherekeje ababo, abandi baja kubuza aburira imiduga, abandi bashaka kurasa ivyuka bikoroza amosozi mu miduga yari itwaye abo bitavye Imana, bamwe mu baporisi baramira. Umwe mu baporisi yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi ati:’’Turahatswe kwambara ibara, iyo kirya cuka giterwa umuduga utwaye ikiziga’’.

Abariko baja gufuba ababo rero barira, abandi barengewe, bakaba bashatse gusohoka imiduga bati:’’Turaje natwe mutwice’’. Abariko baja gufuba ababo rero bakaba baciye bahabwa iyindi nzira, baca baja guca hafi y’ihoteri Source du Nil. Abatari bake bari ngaho, bakaba bagaye rwose iyo nyifato y’igikenye yigaragaje, aho icubahiro cahora gihabwa abitavye Umuremyi hamwe n’aabagiye gufuba ababo, uyu munsi kitibonekeje.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uko niko Interahamwe zikora

  • Ni Akamaramaza None Iyo Ivyo Biziga Babisiga Aho Bakagenda Abo Bapolisi Bociye Babikoza Iki?

  • Mugabo Bitangarije Aho Kwitwaza Imisaraba Bitwaje Vyapipapuro Ntivyoreka Gusanura Ababibonye Murabarabako Neza Abo Ninzoka Zamabingira

  • n’uwuja gufuba uwiwe nawe?

  • Imbonera uzanywe na jazungu kumara abantu ifise amagerenade yarapfuye dd yose ica ihagurukira rimwe ngwabahutu baraheze bamazwe na pacifique pour fair propagande contre manif, ehe none
    Nabagiye gufuba abo igipilisi cishe hakubahoza ni miryango yabo ahubwo nabo barakubaguwe,mwaribwabone mu migenzo yikurundi ivyo bishika kubagiye gufuba ababo,dudu na gaca ko batiyamirije iyo nyifato,canke nikiziga gisa nkikindi umugani wawawundi,twice mugabo mudukundire duhambe abacu nimbwipfuye nyeneyo arayihamba nkestwumuntu,hanyuma ngo mushaka tubareke mutware dufunge kinwa,ho.mwodukorera iki,barundi ako nakarorero mwihende muheshe kuri manifestation tuzobura nabaduhamba,ndaramukije

  • s’agit-t-il de la police ou des charlatants? un policier qui ne respecte meme pas le corps sans vie,un policier qui travaille hors de la culture burundaise c’est qui?c’est quoi? la police burundaise oublie que si elle la c’est grace aux efforts douloureux de la population, un jour certains charlatants se retrouveront entrain de battre leurs meres et peres et ca sera une honte pour chacun d’eux.Mes chers freres reprise de conscience svp!!!

  • NUGERAGEZ KWIHANGANA KIMANA0YAKINZE IVYO VYUKA YAKOZE NATWE TURINO NTABWO BITUNEZEREJE.

  • MURATEYE ISONI,MUKORA IBISA NIMPUZU ZANYU.N’IKIZIGA NACO!!!OYA

  • Izo mbwa z’aba police nta ndero zahawe ariko tuzihangana mpaka.
    Abaturashe bose twarabanditse muri agenda.
    Inyuma yibi vyos tusobisubiramwo basha..

  • Mukomeze mwice abahutu amaraso yabo azabagaruka. Reba iyomisore itwikisha abahutu imipine. Nibikomeze nanjye nzava muri America aho mba njye kurwanirira ubwoko bwanjye butararimbuka. Kuvuka umuntu ari umuhutu cg umututsi ni uburenganzira bwe kuko Imana niyo yaturemye. Gusa iyo misore y’abatutsi nikomeza kuvutsa abahutu uburenganzira bwo kubaho ibatwika nayo izatwikwa. Al

  • MBEGA MWABONYE N UMWE ABO MUNYAKABIGA BATURIRA YARIMWO MW IVYO BIZIGA? NYIMBA MUNYISHURA MWEBWE ABO MUKINYAMAKURU IGIHE NIHO MWARI MURI?

  • AHO BIGEZE ABO BAGUMUTSI BAMAZE GUTURUBURA KANDI BATURUBUYE BAKIRIKO

  • haaaaaa burakeye weeeee!!! c’est pas possible que les jeunes gens se pendent vu a vu ahasigaye ngo bahambanwe amateka. bapfa se ngo bazoje mwijuru kwivyaha bibarenze!guturira umuntu ngo nimbonerakure atakosheje ahasigaye ngo murwanira agateka kazina muntu murabanze babigishe droit de l’homme.muzobibazwa!!!!

  • Nibabahambe umuriro w’inkazi wamaze kubakira.Pacifique,na minani,ivyo ntaco bibabwiye?Nuko atamwana rwanyu arimwo.Yamara uwufisumutima numubwire.

  • aba police ntibari baziko bagiye gufuba ababo gusa nibaguma bagumuka bakomeze baraswe batagumutsenaho nibategereze amatora bamwankire mumatora nayo gukomeza bahendwa na ba Rwasa nabandi bakanura imirazi nka Rwasa ngo bagumuke oya mutemeye gutuza naho bakomeze babarase bitonze.

  • Mukomere cane kandi twese tubarinyuma mwebwe muhaye mwiyamiriza 3ème mandat ndazineza yuko atavyubwoko bikirangwa mu Burundi jewe ndi Umuhutu ndi Muri Amerika kandi navuye mu Burundi muri 20112 mpunze iyo ntwaro yagahotoro ya peter uyo abesha ngo hari guturigwa abahutu arabesha kuko naje ndi umuhutu kandi nahunze peter ! Mbe urya nawe yarashwe mukinama numututsi? Ntiyarashwe naza nterahamwe na FDLR peter na bunyoni bakuye muri Congo? Abahutu na batutsi bimvugakuri twese tugume dufatanye munda mukurwanya peter kukwagomba kudusubiza mungwano mbe niwe wenyene azi gutwara Uburundi? Ntagombe guhonyanga amasezerano ya Arusha kuko na Buyoya na Domitien barayubahirije eka mbere na Amerika ,Ubumwe bwa Afrika eka numukuru wa Afrika yepfo yamwiyamirije nimubandanye natwe ngaha turiko turagwana urugamba dusigurira amakungu yuko ubu uye atari ingorane yamoko yuko ari ingorane yakarwi kibisuma nabicanyi kagomba guhonyanga amasezerano ya Arusha karongowe na peter!

  • abo bapolisi nobasabirako umusi babuze bobuzwa kurira nabo!

  • Tureke Abantu Bashikiriz Ivyiyumviro Vyaba.

  • murabona aho abarundi mugeze bashingantahe bapfasoni rwaruka murabina ko ivyo muriko murakora mwarengewe ntimukimenya nigihe mugezemo nico mugomba kubaha vraiment Polisi, basirikare nimutabare igihu cyanyu iyo tache ufise n Imana yayiguhaye nimurwane kubanyagihugu banyu muve muri ivyo vyiyumviro vyabanya politique bahaze badakunda igihugu kera umuntu yakundaga igihugu cye akanacyitangura none ubu umuntu arihandagaza akajya kuri micro ngo mukinda mugaramye mukinda mwubamye amatora azoba uru uyo muntu akunda igihugu? ahubwo yagifashe nkumurage cg isambu yiwabo murugo nukuri ni mugire umutima ukunda igihugu nuwo kucyitangira kandi mwumve ko numunyagihugu muto canke uwari wese agifiteho uburenganzira ni jambo

  • IBINTUVYOMUBURUNDIBIRAGOYE IMANA IRAKWIYE GUFASHA UBURUNDI NONEKOTUZIKO MUMIGENZOYIKIRUNDI KO UMUNTU APHUYE ARI KUMUFUBA ABAPORISI BASHAKAKO IBIZIGA BINUKIRA ABANTU IMANANIRABE IFASHE UBURUNDI NABARUNDI

  • twibuke ko mur`iyisi tubayemwo mugatondo tugwaza sasita tugapfisha-kumugoroba tugahamba.none tugatagira abagiyeguhamba ababo?nigitangaza.reka rero dusezerere iyo ngendo.

  • Mbe yemwe aha i Burundi igipolisi kirafise uwugitwara?canke gutwarwa na Adolphe na kazungu kuko tuziko aribo karuhariwe mubibi vyose ngira bagire barye ivyo biziga

  • Nibara aho batakicubaha n’abitavye i mana.
    Nabonye aho abayobozi vyabananiye neza ukuntu boyobora.
    Muti gute?
    Umugwi w’imbonerakura wambikwa imidari ,itarevisiyo y’igihugu niyo yarirongoye ibijanye n’amasanamu mugushingura zimwe muzasezeye isi.
    Mbe hariho nyagupfa na nyagukira muri iki gihugu.
    Nimwibaze namwe kubuza abantu kuja gufobana iteka uwabo.
    Tubabarire mana kuko turakubabaza birenze.
    Hindura imitima yabayobora ubagaragarize imbere y’abo bayobora mu gihe bakoranije vya bikorane vyo kubesha ngo baragusenga.

  • Abo baramaz kuvumwa nIMANA.kubona batanachubaha ikiziga nikimenyetso cuko bavumwe.amaraso basesa azobahumira

  • ndacyeka shitani isigaye yibera iburundi ntahahandi polisi yitambika imbere yabagiyegushyingura uretse porisi yiburundi ubusebashakaga kubicakabiri cg bashakaga kwica nimiryangoyabo mana tabara barundi

  • nibara m uburundi ahubwo Imana nivyunve iri mwijuru itabare

  • Abarundimwese mwaravumwe ahubwo igiporisi cuburundi ntakazikizi uwapfuye gisigura iki ? Kuberiki batafata inzira ijakumushingu bamucanyemumyiyerekano gukoriki jenguma semerera mvugati utemera ireta nange canke atekereze ugukubise mubwana nawe umutegara mubutama

  • Abo bavuga nabi, mettez vous a la place des parents, amis et connaissances de ces victimes ? Uwitavyimana afubanwa agateka, ico gipolisi kigabanye amakare sinon Uburundi ntaho bwoba buriko buraja vraiment !

  • bari bakwiye gusubira kwibutswa ko gukora ikibi bizobasubirako kandi bakigishwa gusonera culture du burundi ou bien ngira si ABARUNDi ababijejwe bobikwirikirana batabikoze n’aho ukuri kuzoteba gutsinde ikibi kizobura ikibanza

  • IMANA NYENE AMAHORO IDUHE GUTAHURA IVYIZA VY’IJURU

  • Abarundi nimwiyambike umutamana mwihe iteka mweho ejo bizogenda gute ko bayamaze ng ntahura kungoma kwa atufise gahunda kumana imvitation yugufa nimwafa tuze tubatere ababuye ? ikebuke

  • muringa alexis ikivume abaza abaja gufuba ababo imana izobimubaze we nuruvyarorwiwe

  • Leta ya DD iracafise ivyiyumviro vyomwishaba, mbe mwibagiye ko ejo bucanayandi
    sha mwimbe mwigera, ntamurundi wumuti azovyihanganira.
    zamugira ico mwubaha, kuko mwarataye akaranga.
    None mwebwe muharanira iki?
    Mwubaha iki, mwipfuza iki? ko ntaco mushoboye kiretse gusahura, kwica, guturira amasoko
    no kwangaza abandi.

    AKATARETSE KABAGASEMA!

  • Nibara abapolice nkaba,kuvyukuri barakwiy inyigisho cane

  • ndababazwa cane n’ibipfamutima vy’aba polici bitukisha igipolisi cose. ariko imana isesa imitima izokwerekana ibipfamutima, kandi izitirire abapolisi bazima. ico ubiba uragisarura! murindire gato mugiy gusoroma ico mwabivye kigwiriye. turabarindiriye vuba cane

  • Wewe wiyita gaciyubwenge urihenze ahubwo uri gaciyubujuju. Urashibira kuvuga ko abarundi bose ari ibijuju? Ahubwi nsanze aru wewe uri ikijuju kirengeje abandi bose. Ahubwo s’ubujuju ufise urasara.

  • imana ihe iruhuko ridashira ab
    obasore batuvuyemo bari beza ariko barishwe nkakundi gusa imana itabare abarundi hadapfa nabandi beshi

  • Birababaje kubona abantu bapfa bagapfa bataronse akanya ko kwihana, mbega imbere ya Rurema bizoba vyoroshe? Ico mbona dukwiye kwihana urupfu rutaraza. Erega naho twoba twararwanye tugatsinda tukavuga ngo twarikuyeko abantu twita ngo ni abansi ,mbega ubwo ga si uguhuma satani yadusutse mumaso? Tukabona ngo abana b’Imana ni abansi bacu aho kubona umwansi satani ngo abe ariwe turwanya? Ingo barundi twihane sataniamaramare , arega satani yararonse umukenyuro bamwe abasuka mwo ishavu ngo baje mw’ibarabara, hanyuma akaba yateguye abandi akabaha amasase n’amabuye n’amahiri kugirango bice babandi bahendwa ngo bariko barwanira isi, bityo bagapfa bakiriko bariruka ngo bagomba gutsindira isi ngo niho iwabo, maze satani akabakirana urweze anezerewe kuko babaye ibiburabwenge, ntibabona umukenyuro wa satani. Bana b’Imana nimureke ab’isi barwanire isi kuko niho iwabo ariko twebweho iwacu ni MW’IJURU aho tuzoba ibihe bidashira.

  • yoo ewe Mana yacu tabara Uburundi nayo ahandi ho abarundi turamarana atagisivya kuko ntamutima tugifise koko tugeze aho kugwana nibiziga?

  • abo bapolice baturya nk urunyondwe ku nka.
    ico turi bubakorere, kuva intwaro yabo bapolice iheze le 26/8/015 ntamu police numwe azosubira kugura ikintu ku munyagihugu icarico cose ninzoga.
    uti kuki? tubereke ko babayeho kubera twebwe, ko turi banking babo base babo hama bagire ico bubaha.
    cokimwe na sebuja wabo tumwime akoli na ma taxes. nibirigwa ubusa kabiri bazoheza batwubahe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.