Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi y’iterabwoba iriyamiriza ishushanywa rya Mahomet ariko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imirwi y’iterabwoba iriyamiriza ishushanywa rya Mahomet ariko (...)

Imirwi y’iterabwoba iriyamiriza ishushanywa rya Mahomet ariko ararira

jeudi 15 Nzero 2015

Abadjihadistes bari mu mihari y’iterabwoba bavuga ko kubona ikinyamakuru Charlie Hebdo gisubira gushushanya Mahomet ariko ararira ata bwenge hashizwemwo.

Muri ico kinyamakuru Charlie Hebdo casohotse kuri uwu wa gatatu, Mahomet akaboneka ariko ararira, inyuma y’ivyashikiye abamenyeshamakuru b’ico kinyamakuru baheruka kugandagurwa bazira amwe mu makuru bahora basohora. Kuri ico gishushanyo, Mahomet aboneka afashe igicapo canditseko : ’’Ndi Charlie". Ico kinyamakuru casohotse kuri uyu wa 14 Nzero, kikaba cari ari imiriyoni zitatu, kuri uyu wa kane naho haca hasohoka imiriyoni zibiri, zose hamwe zica ziba imiriyoni zitanu.

Ishirahamwe ry’abitwaza iterabwoba risanzwe rikorera mu bihugu vya Ira na Syria, uwurirongoye akaba yavugiye kw’iradiyo yaryo yitwa Al-Bayane, amenyesha ko gucapa uko bashatse Mahomet bitabaguye neza.

Mukamenya ko ibihugu bigera kw’10 vyifatanije n’ivyo bindi bihugu bibiri Irak na Syria mu gushiraho ku nguvu amategeko ashingiye kuri charia, hamwe n’iterabwoba, naho amakungu arwanya gose uko gutoteza abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.