IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarovyi b’abarundi bari banyurujwe n’abasirikare ba Kongo bagarutse

Abarovyi b’abarundi bari banyurujwe n’abasirikare ba Kongo bagarutse

lundi 14 Mukakaro 2014

Abarovyi 26 bari banyurujwe n’abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bakorera mu mazi barekuwe.

Abo barovyi bari banyurujwe kuri uyu wa 11 Mukakaro uyu mwaka, n’abasirikare b’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo barwanira mu mazi, mu gihe bariko bararoba. Abo barovyi bakaba bagirizwa kuba baravuze ko mu Kiyaga Tanganyika, hari abarovyi bakoresha insenga zihungabanya ibidukikije kandi zisanzwe zaranabujijwe.

Mu gisata c’uburovyi mu Burundi bakaba bashimishwa n’igikorwa cakozwe n’abasirikare b’abarundi basanzwe bacungereye ikiyaga Tanganyika, mu kugarukana abarovyi b’abarundi bari banyurujwe n’abasrikare b’ico gihugu kibanyi.Gabriel Butoye arongoye abarovyi n’abashora amafi, akavuga ko igikorwa cakozwe ari ico gukenguruka, kuko abo barovyi uko bari bafashwe bose bagarutse, ubu bakaba bari mu mihana iwabo,ndetse bakaba bagiye kubandanya akazi kabo ko kuroba amafi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.