IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi bahunze basaba ko Reta yokura ibirwanisho mu banyagihugu nabo (...)

Abarundi bahunze basaba ko Reta yokura ibirwanisho mu banyagihugu nabo bagataha

lundi 22 Ruheshi 2015

Abarundi bahunze igihugu cabo bavuga ko bashaka gutahuka, ndetse nabo bakitbira amatora, ariko bagasaba ko umutekano wabo woba ucungerewe neza.

Abahungiye mw’ikambi y’impunzi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda, basaba Reta y’Uburundi kubanza gukura ibirwanisho mu banyagihugu, ndetse n’iterabwoba abo bahunze bavuga ko bagiye bakorerwa na bamwe mu babanyi babo, Reta ikerekano ko yabihagurukiye. Terence Nzohabonayo arongoye impunzi z’abarundi ziri i Mahama, asaba Reta ko yogarukana amahoro mu gihugu kugira nabo bashobore gutaha mu gihugu cabo.

Nzohabonayo kandi, akaba asaba amakungu ko yofasha mu kugarukana amahoro mu Burundi, kugira abahunze igihugu cabo basubire kugaruka. Ariko rero Reta y’Uburundi, iremeza ko umurwi w’igihugu ujejwe gukura ibirwanisho mu babitunze batabifitiye uruhusga uri ku kazi, eka n’amasakwa ya bimwe mu bibanza vyo mu gisagara ca Bujumbura, bikaba bigamije iyo ntumbero yo gukura ivyo birwanisho mu banyagihugu.

Twobamenyesha ko muri ico gihugu c’Urwanda abarundi bagera ku bihumbi 37 aribo bivugwa ko bahahungiye, bamwe bakaba bavuye mu gisagara ca Bujumbura, abandi mu ntara zihana urubibe n’Urwanda, hamwe n’izindi zitandukanye z’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Numva benewacu bipfuza vyiza ariko nibaze badufashe kudoma urutoke kubo bazi bafise ibirwanisho hanyuma bavyakwe twibere amahoro nayo nibaga bavuga ngo reta mbega reta uzorota ababifise ntibitwaze ngo ibanze kubikura ahubwo basabe ko boroswa uko bagaruka hanyuma nabo bafashe kuvuga ababifise.

  • Ariko mwokwibaza impamvu reta yanse ko bazana abahina mugukura ibigwanisho mubanyagihugu? Reka turabe kandi twibaze,reta niyo yabitanze,reta irazi ababifise bose,reta iramenya abo basaka nabo batasaka ic igenda muri barya babanyagihugu akabaribo basaka ata nakimwe bigirira canke batazi nakimwe. Benewacu mwahunze mwebwe musaba reta ngo ibafashe? Ahubwo nimusabe imana n’amakungu abafashe nayo reta ibumvira ubusa kuko nibo babigize none murayiririra ngo ibumve? Nabandi turacahunga tukiriko ahubwo imana ishimwe mwagiye bigikunda nayabasigaye ntituzonaronka naho duca muguhunga reta imisi imaze kuntebe siyo isigaye vyose bazobibazwa umusi numwe. Mwebwe musaba kugaruka abandi dutegura guhunga muzoba muje hehe? Ntimwitakire reta kuko ariyo yiyemeje kwica abo ijejwe gukingira nitwiyambaze imana rurema!

  • BARABESHA BAZOTAHA BADASHATS BIGUMIREY SIBO BAMBERE BAHUNZ TWEBWE TWAHUNGA AMASASU NABO BAGIY KURONDERA AHASUMBA AHANDI

  • NUKURI KANDI ABARUNDI BOSE BARABIZI NABO BA CNDD FDD NABABASHIGIKIYE NABO BARABIZI N’IBIMUGA,N’INZOYA N’IMPUMYI,BOSE BARAYAZI AMANYANGA IYO JAGEZE IGIHE COKURONDERA AMABI BOBONYENE BABABAKOZE IRYO SAKWA RY’IBIRWANISHO NTIRISHOBOKA NONE WOTUMA IMBONERAKURE NGOJA GUSAKA IGASAKA KANDI ARIBO BABIFISE?BIZOBA NKARWA RUPFU RWA BABABIKIRA BOKWA BUYENGERO UWISHE AKABA ARIWE AJA GUKORA AMATOHOZA,CANKE URUPFU RWA ERNESTE MANIRUMVA,CANKE B’ABANTU CNDD FDD HAMWE NA NKURUNZIZA BICIYE MU KABARE KO MUGATUMBA UWISHE AKABA ARIWE AHABWA GUTOHOZA NIBARONDERE UMURWI WO GUSAKA WUKURI KUKO AHO HARIHO ABO BAZOJA BABIZANA MUGUSAKA BABISHIRE MUNZU YAWE AHUBWO BACE BAGUTWARA MU MPIMBA KWAKUNDI TUMENYEREYE UKO BAAJA BABIGENZA HOSE MU GIHUGU AHO RERO MURAHAGABIRA ABARUNDI BATAZO HABOREZWA OGUFA ISAKA RYABO TWESE TURARIZI (BAZANE AMAHERA, BATANGE ITANGAZO UWUZOZANA INKOHO BAMUHE IBIHUMBI IJANA (100,000FBU)CANKE UWUZANYE INKOHO BAMUHE (IKINGA N’IGITENGE)NAHO KWIZERA VYI L’ETAT YACU SHA ABA BAZOBESHER’ABANTU NTIRIZOBA RIKIR’ISAKWA RIZOCA RIBA AKAJAGARI (MURAKOZE)

  • NIBAGUMEYO NTITUBAKENEYE NAKARE NTIBODUTOYE.

  • Ntabara Mumbwire Mufise Imibere Yabahunze Ntamibare Yabahungutse.Mutwumvira Bariho Canke Bacamugikari?

  • Mbega Terensi Avuga Uko Ko Yahunz,inyungu Ziwe N,areke Kwirirwa Aratuk,ubutegetsi Ko Yavuze Ko Atazotaha Atumvise Ko Nkurunziza Atagitwara Narindire Azoze2020 Niho Manda Izohera Nabe Aririra Izo Ntete Leta Irajw,ishinga N,amatora Amahoro Mu Burundi Aruzuye

  • Mwabatutsime,simwemwirigwamurasara,banzamubone,amagogwa,yubuhungiro,mugahendwa,nabanyarwanda

  • Nibagumeyo twamazekumenyako imyiteguro bamazemwo imisi yagisirikare babifashijwe nu Rwanda bumvikanyeko kugirabizogendeneza kwarukubanza bagahunguka hanyuma bagatangura intambara arukobafise ivyicovyishi mugihugu, ikindi Urwanda rwagizenubwobako mugihe hoboneka ibimenyetso vyerekanako hagize uwutera uburundi canke uwinjira mu Burundi yitwaje ikirwanisho Ko ibishirira vyitare zabasirikare nabarundi boruhukira Kigali. Ubukugerubu twamaze kwitegura twese abarundi bikwiye nubwoyoba ibihangange bimezegute twiteguyekwerekana ubudasa canke aboturibo.

  • nibakure ibihuha twe kouri mugihugu ivyobrwanisho baguma baririmba nibo bazi iyo biri kuko nivyo basahuye le 13 mai ahubwo nibaze kutwereka aho babisize ama ivyo vyuko amakungu azakugarukana amahoro sinzi ayo mahoro ahari ko atantambara mbona n’amahoro babuze ko arayo mumitima yabo nayo akaba ahezwa N’IMANA rero nibareke kugora amakungu nibasenge ayoyo bazoyongerwa nkumugisha nibasenga bashize umutima hamwe ! aho bari naho ngira bashimye inyubako nshasha yamara no muburundi bari kuzibubakira iyo babisaba se barundi. ntababanyi babatera ubwoba nibo biyagiriza haruwabasanze iyo ataco abakeneyeko gsa nibareme nibakumbura baze baze ! amatora nayo ntata igihe nurwanda rugira ruyajemwo bazotora erega bagiye gukomeza E.A.C

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.