Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanya Ubutegetsi bw’Ubuganda bishe umumenyeshamakuru wa RDC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanya Ubutegetsi bw’Ubuganda bishe umumenyeshamakuru wa RDC

Abarwanya Ubutegetsi bw’Ubuganda bishe umumenyeshamakuru wa RDC

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yaraye yishwe inyuma yaho ategewe umutego n’abarwanyi bo mu gihugu c’Ubuganda, mu Buseruko bw’ico gihugu nk’uko bimenyeshwa na Reta ya Kinshansa.

Nk’uko bimenyeshwa na Reta, uyo mumenyeshamakuru yagandaguwe, ari mubariko barakurikirana ibikorwa vy’igisirikare c’igihugu mu mugambi wo gutuza abarwanyi bo mu muhari wa Armée nationale pour la libération de l’Ouganda (ADF-Nalu). Reta imenyesha ko urwo rupfu rw’uyo mumenyeshamakuru rwashitse kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Ruhuhuma, rwababaje cane. Ivyo rero bikaka bije, mu gihe abo barwanyi bo mu gihugu ca Uganda, baheruka gutera mu gace ka Beni, mu Buraruko bwa Kivu, naho bivugwa ko abasirikare b’igihugu bashoboye kwirukana abo barwanyi.

Abo barwanyi bo mu gihugu c’Ubuganda, bakaba bayogomvya ako gace ka Kivu y’Uburaruko kuva mu mwaka w’1995. Mu gitero bagizweko n’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kuri uyu wa gatanu uheze, abarwanyi ba ADF Nalu 230 barishwe, hamwe n’abasirikare b’igihugu 22 barahasiga ubuzima. Abo barwanya ubutegetsi bwa Yoweli Museveni, bakaba bagirizwa kuba bahohotera agateka ka zina muntu, n’ibindi vyaha bitandukanye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.