Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi ba Boko Haram bashika 109 bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba Boko Haram bashika 109 bishwe

Abarwanyi ba Boko Haram bashika 109 bishwe

samedi 7 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abarwanyi ba Boko Haram bashika 109 nibo bishwe hamwe n’abasirikare bane n’umunyagihugu umwe, mu bitero vyahuje uwo muhari hamwe n’igisirikare co muri Niger nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Mahamadou Karidjo.

Ibindi bitero bikaba vyabaye mu bisagara ca Bosso hamwe n’i Diffa, mu bumanuko bwa Niger ku rubibe ico gihugu gihana na Nigeria, abantu icumi n’indwi harimwo n’abajejwe umutekano bo mu gihugu ca Nigeria bakaba bahakomerekeye, hamwe n’abandi basirikare babiri baburiwe irengero, nk’uko bibandanya bimenyesha n’uwo mushikiranganji wo kwivuna abansi ku mboneshakure y’igihugu. Akaba atawuramenya aboba barahasize ubuzima ku ruhande rw’abanye Tchad bafashije ingabo za Niger i Bosso.

Tubibutse ko uwo muhari w’intagondwa za Boko Haram zigisibije na cane cane mu gukora ibitero vy’iterabwoba hamwe no kunyuruza utwana tw’abigeme. Uwo muhari ukaba wavutse mu mwaka w’2002, umukuru wawo akaba ari Abubakar Shekau


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.