Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi ba LRA bahagurukiwe n’abasirikare ba Sudani y’Epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba LRA bahagurukiwe n’abasirikare ba Sudani y’Epfo

Abarwanyi ba LRA bahagurukiwe n’abasirikare ba Sudani y’Epfo

vendredi 8 Munyonyo 2013

Igihugu ca Sudani y’Epfo cafashe ingingo yo gukura abasirikare mu makambi kugira baje gutuza abarwanyi ba Armée de Résistance du Seigneur LRA mu gihe bagirizwa kuba barishe abanyagihugu b’inzirakarengane muri iyi ndwi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani y’Epfo Philip Aguer avuga ko abasirikare bo mu ntara ya Equatoria bamaze gusohoka, kugira baje kurondera izo ntagondwa aho zinyegeje hose. Avuga ko atabandi bansi bafise mu karere bo kwikeka ko bishe abanyagihugu babo, atari intagondwa za LRA. Abasirikare rero batari munsi y’500 barasohotse ikambi kugira baje gukingira abanyagihugu n’ukurondera abo barwanyi aho bonyegeje hose. Abanyagihugu baremeza ko hari abanyagihugu babiri biciwe mw’ibarabara bariko bararengana, mu gihe abandi batazwi igitigiri nabo, gushika uyu munsi batazi irengero ryabo. Ikitibagiwe co, ni imirima n’ivyo mu mazu abo barwanyi ba LRA bagenda barasahura, aho baciye hose.

Ku bwa musenyeri w’Anglicane wo muri diyoseze ya Ezzo John Nzawo, avuga ko igitero kimwe cabaye mu gisagara gito kibamwo abanyagihugu basanzwe i Naazinga ku birometero 2 gusa vya diyoseze. Muri ico gitero rero, umuntu umwe yarishwe, uwundi arakomereka cane aca ajanwa kwa muganga, mu gihe ivyo mu mazu vyo, vyibwe urukombamazi. Ku bw’uyo mukozi w’Imana, ivyo bitero bituma abanyagihugu baguma bararara mu mashamba, bakama mu bukene budahera, eka n’iterabwoba bagirirwa ijoro n’umurango, mu gihe abandi baja barashitse mu bihugu bihana urbibe nko muri Centre Afrika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.