Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi ba M23 basabwe guhagarika ingwano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi ba M23 basabwe guhagarika ingwano

Abarwanyi ba M23 basabwe guhagarika ingwano

lundi 4 Munyonyo 2013

Abasirikare bo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo barabandanya ibitero ku duce twa nyuma tukiri mu maboko y’abarwanyi bo mu murwi M23, hafi y’aho Repuburika iharanira intwaro rusang ya Kongo ihana imbibi n’Urwanda na Uganda.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera BBC muri ako karere amenyesha ko impunzi ziharurwa mu majana ziriko zihungira ingwano mu gihugu ca Uganda.
Nta mwanya munini uheze umukuru w’umurwi M23 ku rwego rwa poritike, Bertrand Bisimwa, atangaje ko umurwi ayobowe uhagaritse iingwano.

JPEG - 22.7 ko
Bertrand Bisimwa, umukuru w’umurwi M23 ku rwego rwa poritike

Bertrand Bisimwa yasabye abarwanyi bose b’uwo murwi guca bahagarika ingwano kugira ibiganiro vy’amahoro bishobore kubandanya mu gisagara ca Kampala, mu gihugu ca Uganda.

Abasirikare ba Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, zibifashijwemwo n’abasirikare ba ONU, bamaze iminsi birukana abarwanyi bo mu murwi wa M23, mu turere dukomeye twahora tugenzurwa n’abo barwanyi ba M23, mu buseruko bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.