Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarwanyi na Boko Haram biyemereye ku mugaragaro icaha bagirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarwanyi na Boko Haram biyemereye ku mugaragaro icaha bagirizwa

Abarwanyi na Boko Haram biyemereye ku mugaragaro icaha bagirizwa

lundi 5 Rusama 2014

Abarwanyi ba Boko Haram biyemereye ko aribo banyuruje ba banyeshure baburirwa irengero bashika 276 hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Umurwi w’intagondwa z’abislamu Boko Haram biyemereye ko aribo banyuruje abanyeshure 276 babakuye mw’ishure hagati y’ukwezi kwa Ndamukiza, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, iryo nyuruzwa rikaba ryateye uruhagarara mu mitima y’abanyanigeria, n’amakungu.

JPEG - 56.8 ko
Abubakar Shekau, umukuru w’abarwanyi ba Boko Haram

Mu masanamu (Video) bashize ahabona amara iminota 57, umukuru w’uwo muhari Abubakar Shekau yagize ati : "Ni jewe nanyuruje abakobwa banyu. Aho yariko avuga abanyeshure 276 banyurujwe bavanywe ku mashure bari basanzwe bigako i Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta ya Borno. Ariko rero, 53 muri abo banyeshure barashoboye kuva mu vyara vy’abo bagizi ba nabi, abashika 223 baracari mu minwe y’izo ntagondwa z’abislamu, nk’uko ayo makuru yemezwa n’igipolisi abimenyesha.

Mwomenya ko akababaro ari kenshi cane ku bavyeyi b’abo bana. Abo bavyeyi bakaba baheruka kugira imyiyerekano bagaragaza agahinda bafise.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.