Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashakashatsi boba batoye umugabane ugira gatandatu mw’ibahari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abashakashatsi boba batoye umugabane ugira gatandatu mw’ibahari (...)

Abashakashatsi boba batoye umugabane ugira gatandatu mw’ibahari Indiyano

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Hoba hariho isi canke umugabane utari uzwi gushika ubu batoye, ivyo vyatangajwe n’ abashakashatsi babicishije ku kinyamakuru le magazine Nature Geoscience .Ubwo bushakashatsi bwatangaje abatari bake bwerekana ko uyo mugabane uri hagati y’amazinga ya Réunion na Maurice, hagati mw’ibahari Indiano nk’uko amakuru dukesha Yahoo abivuga.

Nk’uko ubushakashatsi buvyerekana ngo uwo mugabane woba wari winyegeje haraheze imyaka ama miriyoni, bavuga ko yoba imaze imiriyoni 85 ibayeho. Mu kuyitora bafatiye ku dusigarira two amabuye twatowe ku musenyi wo ku nkengera y’ibahari Indiyano kw’izinga Maurice, bakaba bakeka ko uwo mugabane witandukanije n’Ubuhindi canke Madagascar, haraheze imyaka imiriyoni 85 zose.

JPEG - 45.6 ko

Kuva ico gihe ngo uwo mugabane woba waciye wigumira hagati y’izinga rya Maurice na Réunion gushika ubu.Uwo mu gabane wiswe «Mauritia» n’abashakashatsi woba watowe ubwambere n’umurwi w’abashakashatsi bakurikirana imenyesha ntara bava mu bihugu vya Norvège, Ubwongereza, hamwe n’Ubudagi. Abo nabo bakaba batoye ibinomba n’amabuye vy’ibisigarira vya zircon hagati mw’ibahari Indiano. Ivyo bisigarira bikaba vyerekana ko hari amabuye yabayeho kuva kuri « ére précambrienne », imbere y’birunga vyatumye izinga rya Maurice ribaho.

Ayo makuru avuga kandi ko ayo mabuye yoba amaze imyaka iri hagati imiriyoni 660 n’imiriyaridi 2, ayo mabuye ya ziricon rero ngo akaba atari ayo ku butaka bw’izinga Maurice kuko yabayeho yoyo itaranavuka. Abo bashakashatsi bakaba baciye bemeza ko ayo mabuye yoba akomoka ku mugabane canke isi yoba yarabayeho hagati ya Madagascar n’Ubuhindi.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.