Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashikiranganji bahurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko barategekanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abashikiranganji bahurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko barategekanya (...)

Abashikiranganji bahurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko barategekanya inama

mercredi 2 Gitugutu 2013

Harategekanijwe inama y’abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, iyo nama ikazobera hafi y’urubibe igihugu ca Tanzaniya gihana n’Urwanda ahitwa Kihere muri Tanzaniya. Uwo mubonano ukazoba ugamije kwiga ikibazo c’abanyarwanda n’abarundi birukanwa muri Tanzaniya, bagataha imbokoboko, ibintu vyabo babisize muri ico gihugu.

Umushikiranganji wo mu gihugu ca Uganda, Shem Bageine yiyemereye ko iyo ngorane y’abanyamahanga birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya ihari, akamenyesha ko ubu yamaze gufata hafi ibihugu vyose bihurikiye muri Afrika y’ubuseruko nk’akarorero Uburundi, Uganda hamwe n’Urwanda.
Shem Bageine amenyesha ko igihe bari i Arusha muri Tanzaniya, iyo ngorane yavuzwe, umushikiranganji wa Tanzaniya yari aho asigura ko hari udukosa tutari duke twakozwe muri iyo ngingo yo kwirukana abanyamahanga bari muri Tanzaniya. Muri iyo nama baciye bemeranya ko bagiye gutorera inyishu ico kibazo gisa n’ikiriko kiratosekaza imigenderanire hagati y’ico gihugu ca Tanzaniya n’ ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Itegeko ryo kwirukana ababa mu gihugu ca Tanzaniya bose badafise ivyangombwa ryatanzwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete, igenekerezo rya 25 Mukakaro 2013. Muri iyo ngingo basabwa kuba bavuye muri ico gihugu guhera ku genekerezo rya 11 Myandagaro 2013, kuba batashe bose mu bihugu bavamwo.

Mwomenya ko muri abo birukanywe, n’abarundi barimwo. Intara ya Cankuzo imaze kwakira abirukanywe bagera ku 14000.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.