Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka 50 bagabishije Yozefu Kabila kutiyumvira gutwara ikiringo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abashingamateka 50 bagabishije Yozefu Kabila kutiyumvira gutwara ikiringo (...)

Abashingamateka 50 bagabishije Yozefu Kabila kutiyumvira gutwara ikiringo ca gatatu

samedi 29 Ntwarante 2014

Abatavuga rumwe na Reta ya Congo ahanini bahurikiye mu mugambwe UPDS :Union pour la Démocratie et le Progres Social, bagabishije ubutegetsi bwa Yozefu Kabila ko butohirahira gukoresha urwenge burondera gutwara ikindi kiringo ca gatatu.

Abashingamateka bangana 50 basanzwe bahurikiye mu mugambwe UPDS, umugambwe uja imbere muyitavuga rumwe na Reta bamirira kure umugambi woba uriko uvugwa, aho umukuru w’igihugu Yozefu Kabila yoba ashaka kwiyongera ikindi kiringo ca gatatu co gutwara. Abo batavuga rumwe na Reta bavuga ko bidashoboka kuko ibwiriza shingiro ritavyemera na gato.

JPEG - 1.3 Mo
Joseph Kabila, umukuru w’igihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Abo bashingamateka batowe mu mugambwe UPDS, bari kumwe n’abandi bashingamateka basanzwe bari mu yindi migambwe mito mito basaba ko amategeko yokwubahirizwa, ikiringo hamwe n’ibitigiri vy’imyaka umukuru ategerezwa kumara ku butegetsivyokwubahirizwa nk’uko biri mu ngingo y’220 yo mw’ibwirizwa shingiro.


Floxella Karire

Messages

  • Africa warakubititse!Bose bashaka kukigumako kweli!None Amerika na Buraya ko bahejeje ibiringo bibiri baca bavaho?JJewe nibazako abantu bose bashaka gutwara ibiringo vya gatatu baba ataco bakora kuko uwukora araruha hanyuma agahereza abandi bagatwara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.