IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abashingamateka bahamagaye abashikiranganji 3 kuvyerekeye isoko nkuru (...)

Abashingamateka bahamagaye abashikiranganji 3 kuvyerekeye isoko nkuru yahiye

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Abashikiranganji batatu bitavye abashingamateka kuri uyu wa kane italike 28 Ruhuhuma ni uwujejwe intwaro yo hagati, uw’umutekano n’uw’ubutunzi. Bategerezwa gutanga insiguro kuvyerekeye umuriro wahitanye isoko nkuru ya Bujumbura.

Abashingamateka batumiye abo bashikiranganji batatu inyuma y’ukwezi kwose isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igacika umunyota.

Ibibazo nyamukuru vyabajijwe umushikiranganji w’umutekano n’uw’intwaro yo hagati ni ingene isoko yahiye igacika umunyota yose n’ibidandazwa vyarimwo, ingene ugutabara n’ukuzimya vyagoranye bigateba, ingene ibiduga bizimya ngo vyahora birara iruhande y’isoko ngo vyoba vyari vyaraye ahandi, ingene mw’isoko nkuru ya Bujumbura ibinogo vyo gukuramwo amazi yo kuzimya vyubatsweko utuzu two kudandarizamwo n’ibindi.

Gabriel Nizigama aramutwa ubushikiranganji bw’umutekano yemeje ko habaye ugusamara n’ugufata minenerwe ibintu. Yavuze ko utuzu twose turimwo amazi yo kuzimya mw’isoko nkuru ya Bujumbura twubatsemwo utuzu two kudandarizamwo.

Yavuzeko abajejwe gutunganya isoko nkuru ya Bujumbura ku munsi ku munsi batavyifashemwo neza kugira bakinge ibara ritararwa. Ngo bari gusigaza inzira zicamwo ibiduga bizimya. Kandi ngo indinganizo y’ingene isoko yategerezwa kumera ntiyubahirijwe kuko hari hasigaye harimwo abadandaza benshi cane.

Yahakanye ko ibiduga bizimya vyahora birara hafi y’isoko nkuru ya Bujumbura bitari vyagiye kuvomera amazi uwahora ari umushikiranganji w’umutekano imbere yiwe Alain Guillaume Bunyoni. Yemeje mbere ko hariho imodokari imwe yari yaraye kw’isoko ariko ngo yararengewe n’umuriro kuko wari ukaze cane.

Yahakanye kandi ko abapolisi batabaye batevye, ngo baragerageje uko bashoboye kuko n’ibikoresho vyo kuzimya nk’imodoka n’ibindi bisanzwe bikenye, ibihari navyo bikaba bidakora neza.

Umushikiranganji w’ubutunzi Tabou Abdallah Manirakiza nawe abashingamateka bamubajije ingene abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bazoshumbushwa, aho ikigega co kubafasha kigeze, amafaranga amaze gutangwa ingene angana, aho kubaka isoko bigeze n’ibindi.

Yavuze ko amafaranga yose ariko aratangwa azofasha ubwa mbere kubaka isoko mfatakibanza ku kibuga c’umupira w’amaguru co kuri COTEBU. Ngo kuri konte yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB hariko imiliyoni 100 y’amarundi gusa. Ayandi ngo n’ayemewe ariko ataratangwa. Yavuze ko isoko kfatakibanza imaze kubakwa hanyuma intonde z’abadangaza bahishije ivyabo zikaboneka, Reta izoca iraba ingene nabo nyene boshumbushwa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu Eduard Nduwimana rahumuriza ko abafasoni bahora badandaza ivyamwa n’imboga ahitwa Le grenier du Burundi hatashikiriwe n’umuriro ngo bagiye gusubira kuhakorera. Ikindi n’uko ibicafuu vyose biri ahahora isoko nkuru ya Bujumbura bigiye gukurwaho hanyuma hubakwe isoko ya kijambere ku buryo bwa none.

Yavuze kandi ko abadandaza bari bafise ibibanza aribo bazotangura kubihabwa mw’isoko mfatakibanza. Ngo nta ka mwana wa mama canke nkunzi bizojamwo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.