IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya bamaze amezi atanu (...)

Abasirikare b’abarundi bari muri Somaliya bamaze amezi atanu badahembwa

mardi 1er Nzero 2013

Umusirikare w’umurindi ari gucungera amahoro n’umutekano muri Somaliya atashatse kwivuga izina yavuze ko kuva mu kwezi kwa Myandagaro gushika ubu ngo ntibarahembwa. Igisirikare c’uburundi kirabahumuriza.

Bose hamwe barenga ibihumbi 5, abasirikare b’abarundi bagiye gucungera umutekano muri Somaliya. Bavuga ko bamaze amezi atanu yose badakubita ijisho umushahara bahabwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika,UA.

Umwe muri abo basirikare atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko ishirahamwe UA ryababwiye ko amafaranga yabo yarungitswe mu gisirikare c’u Burundi. Ariko mu gisirikare naho ngo bababwira ko atarashika.

Bavuga ko baronse inkuru zivuga ko Reta y’u Burundi yiguranye ayo mafaranga kugira iyakoreshe ibindi kuko izi neza ko abasirikare badahagarika akazi.

Avuga ko bibabaje kubona bagenzi babo baturuka mu bihugu vya Uganda na Kenya bahembwa ariko nabo bagasemagura ijuru.

Ngo bishobora gutuma badebukirwa mu gikorwa barimwo canke naho ngo bagahamvya intagondwa z’aba El Shebab zigwanya Reta ya Somaliya kuko ngo atakundi baribugire.

Igisirikare c’u Burundi kirahumuriza. Umuvugizi waco Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko vyavuye ku ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ryatebeje kurungika ayo mfaranga ariko amezi atatu ngo yamaze gushika mw’ibanki nkuru y’igihugu, ngo guhera ku munsi wa 3 italike 2 Nzero 2013 bazotangura guhembwa imishahara y’amezi atatu.


Pirre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.