Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare ba Congo babandanya kwigarurira ibisagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba Congo babandanya kwigarurira ibisagara

Abasirikare ba Congo babandanya kwigarurira ibisagara

lundi 28 Gitugutu 2013

Igisirikare co muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kimenyesha ko kibandanya kwinjira mu bice vyari vyarafashwe n’abarwanyi ba M23 mu buseruko bw’ico gihugu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Colonel Olivier Hamuli, amenyesha ko ingabo z’igihugu zafashe Rumangabo, igisagara ca kane mu ntara ya Kivu y’amaja ruguru, hafi ya Goma.

Mu ndwi iheze, abasirikare ba Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo basubiriye kwigarurira ibindi bisagara vyegereye urubibe Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ihana n’Urwanda. Ivyo bisagara bavyatse abarwanyi ba M23 bari bavyigaruriye. Igisagara ca nyuma abasirikare ba Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bacatse M23 ku munsi wa gatandatu. Amakuru dukesha BBC amenyesha ko ku munsi w’ejo ku munsi w’Imana, umuyobozi w’intara ya Kivu y’amaja ruguru, Julien Paluku, yamenyesheje ko hari ivyobo vaybonetse vyatawemwo ibiziga vy’abantu mu gisagara ca Kibumba, mu buseruko bw’ico gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.