Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare ba Tchad bagire batangure kuvanwa muri Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare ba Tchad bagire batangure kuvanwa muri Centrafrika

Abasirikare ba Tchad bagire batangure kuvanwa muri Centrafrika

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Abasirikare bo mu gihugu ca Tchad bari gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika, bagire batangure gusubira iwabo bukebuke kuva aho barasiye abanyagihugu hagapfa 24.

Mw’itangazo ryasohowe na Moustapha Faki Mahamat, umushikiranganji w’imigenderanire ya Tchad n’ibindi bihugu iyo ari mu nama mu gihugu c’Ububirigi, mu nama ihuza Afrika n’Uburaya, avuga ko n’aho bagize utwigoro mu gufasha co kimwe n’abandi mu murwi wa MISCA mu gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika, igihugu kigira gitangure gukura abasirikare baco muri uyo murwi w’ibihugu vya Afrika biriko birakora ukwo bishoboye kugira Centrafrika gisubirane amahoro.

Moussa Faki Mahamat avuga ko ivyo gukurayo abasirikare bitazoca biba gihutihuti. Abasirikare bico gihugu ca Tchad bakaba bari bamaze kwagirwa incuro nyinshi kurasa mu banyagihugu, eka ndetse bakaba batashimishan’abanyagihugu vyitwa ko bagiye gucungera.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.