IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abasirikare babiri bafashwe inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA bashikanwe mu (...)

Abasirikare babiri bafashwe inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA bashikanwe mu Mpimba

mercredi 27 Ndamukiza 2016, par egide

Kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rw’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, Général KARARUZA Athanase, harafashwe abasirikare babiri bo kw’ipete rya Caporal. Abo basirikare batawe muri yompi bashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Caporal Roger Gateretse hamwe na Caporal Prosper Nikoyagize bahora bacunga umutekano ku rugo rwa Général Fabien Nzisabira, yashinzwe amabanga mu gihugu c’Ububirigi (attaché militaire). Urwo rugo narwo rukaba ruri muri karitiye ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, ari naho abo basirikare babiri bafatiwe.

Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko abo basirikare babiri bashikanwe muri iryo bohero ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, inyuma y’ijoro rimwe baraye mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Tubibutse ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane. »


IGIHE

Messages

  • UKO UWAKOZE INEZA AHEMBWA BISHIMISHIJE N’UWAKOZE IBIBI AHANWE BISHIMISHIJE

  • Iyo mvugo turayimenyerey iryo ni rementany twarabahinyuy muruhumb mwahindukany

  • None Arya Masasu Yose Yononye Irya Modoka Plus Loquet Vyagirizwa Deux Militaire , Les Caporal Sans Comendaimets ? Ohooo

  • twarabahinyuye.Abonabomwategurakwica.Bomubwkotutsi.Abatutsimutivunye.Nkurumbi.Arabamara

  • Nibabafate Abobaja Barekekutuburagiz’amahoro.Twarimwo Abatumamwenabobantu Batweswebate!

  • Yooo!Reka Imana Ikore Bafatwe Abakoze Iryobara Riteye Isoni.Mbe Ko Ubwicanyi Bugwira Nbr Ik?i

  • IBIMENYETSO KO GENERAL KARARUZA YISHWE N’UBUTEGETSI.

    Ntibikiri agasesesheshwarumuri, uwo musirikare w’ipete rya général yishwe n’ubutegetsi bwa nkurunziza.

    1. Cdt wa camp muzinda, niwe yasupervisa ico gikorwa kuko wa mushoferi yacika kw’icumu yamaze kuvuga ko yamwiboneye ariko arabarasa ari imbere ya Lycée du Saint Esprit, aranaza kuraba ko bapfuye, aca atanga itegeko ry’uko bagenda. Kubera umutekano wiwe, baciye bamuhungisha ntakiri muri Hopital Militaire de Kamenge.

    2. Umwicanyi Désiré Uwamahoro, yari yaduze muri Gihosha Rural gushika kw’ibarabara rica musi yo kwa ntiba, aho amanutse gatoyi yaciye ahitana bamwe mu bari bahejeje gukora iryo bara.

    3. Ibarabara rya 28/11, iriduga kuri Saint Esprit, n’ayandi yegereye aho uwo muhisi yaba, yose yari acunnzwe n’abasirikare b’igihugu.

    4. Imodoka yazanye abicanyi, yari double cabine yo muri API irazwi kuko yarafashwe amafoto, nkuko ubu bigigwa aho ziciye hose, yazananye 28/11 yiruka cane, biboneka ko yahagurutse hari uwuyibwiye ko agira asohoke avuye iwe.

    5. Bus ya Otraco izana abanyeshure bo kuri Saint Esprit, abajejwe umutekano bayisubije inyuma igeze kuri Ecole Internationale imbere ya saa moya, vyerekana neza ko inzego z’umutekano zari zizi ikiza kuba.

    6. Réaction rapide ya nkurunziza n’abakozi bo muri présidence birekana ko ibintu vyari bizwi.
    Kandi kubona abakoze iryo bara bigira ata nkomanzi mu miduga ya Documentation, kandi bari gufatwa uravye aho ibara ryagwiriye, n’abajejwe umutekano bari mu micungararo.

    7. Ata n’akanya gaheze, willy nyamitwe yaciye akwiragiza cv yiwe, amafoto bari kumwe na nkurunziza, yongera yandika ibinyoma kuri tweeter yiwe, nkuko ariwe nyene yakwiragije ko karera umukuru w’imbonerakure ahejeje kuraswa, kugira ngo azimagize abantu.

    8. Bijanye n’ibikorwa vyari vyateguwe n’umugambwe cnddfdd muri izi ndwi zibiri. Kugandagura abo babona batagishigikiye 3ème mandat ariko bakaba bakiriko barayiprofita.

    9. Kubona BSPI, API, BAE, Camp Muzinda, Camp Muha, bose bari muri uwo mugambi, vyerekana ko imirwi yose nkurunziza akoresha mu kugandagura abo yiketse ko batakimuyoboka yari yakoraniye ico gikorwa vyerekana ko ariwe yari yateguye uyo mugambi.

    10. Ingene bariko barategura ibirori vyo kumufuba aho bamwe bamwe babona ko yoshingurwa iruhande ya Darius, abandi bakavyamirira kure, birerekana ko harico ubutegetsi bwiyotsa.

    Iyi ndwi turimwo twiteze vyinshi, kuko intagondwa zo muri cnddfdd ntizishaka ibiganiro, bibaye naho bigateba, kandi zigashaka gukoza imbugita mu gisebe c’ababuze ababo mu 1972.
    Uwukiri kuri iyi si azobona vyinshi, kandi général kararuza ntazijana, ninavyo bene kumugandagura bashaka.

    Imana ikingire uburundi n’abarundi.

  • IMANIshimwe, nibabadunuze gose bavugenabande barikumwe, birazwiko ari CNARED yamugandanguye ibicishije kuri twaturwi twabo FOREBU na REDE TABAR, irikwibigenza guryo kugirango ishikire ubutegetsi ibanje gucanishamwo abarundi. wesha kabango nureke gutamba abarundi kumuvyimba kuko ivyuvugaga ntashingiro bifise! birazwiko nyakwingengera yarwanije utwoturwi yivuyinyuma...

  • Komeza mutohoze abakoze akokabi nkako bavuge nabandi kimwe gusa turabe neza kubera vyo biriko biragira ububutegetsi kandi inyuma yivyovyose hazohanwa abatwara leta

  • abakoze akokabi nabari kubutege nka Désire aba mukamenge yahoze arumusirikare wankurunziza amaze kudemubirizwa yaciye aja kuvandera amamoto mukamenge kuryambere kuri ropoint 6 kurija mungagara niwe atwara puck up itagira plaque vyose arabizi kubirimwo birabera hano mugisagara ca bujumbura

  • abakoze akokabi nabari kubutege nka Désire aba mukamenge yahoze arumusirikare wankurunziza amaze kudemubirizwa yaciye aja kuvandera amamoto mukamenge kuryambere kuri ropoint 6 kurija mungagara niwe atwara puck up itagira plaque vyose arabizi kubirimwo birabera hano mugisagara ca bujumbura

  • @ Kamaro ayo namatohozwa amaze gukorwa, ntabwo ari kabango wabitangaje ubaze nabandi kandi nuwo mushoferi uzamubaze.

  • Nibafatwebahanwe,ivyo,mu.Burundi,namayobera!!Umugabo,arinda,akaje;kandi,ntanyungu,numutahe,biri’mumaraso.!

  • Ntakundi Imana ninyishu Ntamvuridahita Mwihangane

  • Nonega kamaro ntimubona ko mwahinyutse mwishe umu general umwe arondera amahoro ariko ntimwishe isinzi yaba general bahari. Niba iyo modoka yarafotowe ifise plague yihe ifito zayo Zirkle uwo mushoferi yitwa nde amasanamuye abivuga arihe harya ngo mugomba gucanishamo abarundi ngo habe genocide nkuko mwadandaje abatutsi benewacu bari mu Rwanda ngo mushike ku butegetsi urabanza wibaze ingene ubwicanyi nkubwo bwose bukoregwa mu Burundi buca buvugwa n ikimenyeshamakuru imirasire Co mu Rwanda no rpa mbere yibindi

  • muragowe mutihanye izo nzoya mugiziphuvyi muzozibazwa

  • abagabo bararya imbwa zikishura abo nibo bamwishe ?Imana yomwijuru yoyo ntinyegezwa izobagaràgaza rindira

  • Hasigaye kwicwa abasoda bipete rya colnel4 Na ba jenelal3 balihafi yankurunziza impamvu balikekwako kobashobora kumuhinduka Bose Bali mubasirikare bakera uretseko babili barikumwe nawe mwishamba
    umwe ni jenl undi ni colonel uko bzicwa vyamaze gutegurwa muburyo bunyuranye harimwo nokubateza za acsida nisumu barikukazi muvyitege vuba, Ikindi yigurira nugutera ubwoba abasoda Bose ntibizerane ntibashore gutegura (Harabicanyi kabuhariwe yateguye bigishwa nabacangero bava mugihugu cuburaya)ni bindi muvyitegure.

  • Umugambi wankurumbi nuwo nyene arica kugira aronke akaryo koguhuma amaso abarundi namakungu mukwikurayo afata inzirakarengane kugira babone Ngo nintungane mugabo ivyovyose abigira muntumbero yokumara aboyipfuza kumara kanatsinda ivyakora abikora nkumwiyahuzi kuko ntacacera arazi kwiherezo ryiwe arimugasho atagisivya urumvako ivyagira nukuraga kandi araziko abarundi isinzi twahagurukiye kurwanya akarenganyo kiwe atazoduterana intabwe tutamucakiye ngoyishure kumarorerwa ariko arakorera abarundi ico nomubwira abarimbayigera nakarwi kiwe kose iyokava kakagera hasigaye umwanya urume rumara Ngo dutangure kubatoragura nkutongomba

  • Petero NKURUNZIZA ni nka b’ABAMI ba kera,ico avuze kiraba;nimba yerekwa!!Kuva akiba PEREZIDA ivyo aguma avuga biguma biba,ahubwo nabo baguma batera akajagari ndabahanura bogeza aho kuko buca IMANA ibamwereka.

  • Reka guhumba, irya ni plan ya leta ntubona ko yapfuye nka Adolph. Abo bahaye mission nkazirya haba hari abandi inyuma yo kubahitana mugihe mission ibaye eshouer idakunze. Nicogituma umuntu umwe yicwa namasasu yokoreshwa hatewe zone yose. Ariko abari hafi ya nkurunziza aho ntabwoba boba bafise, gutegekwa numuntu womenga ni hitler canke musorini muri iyi siecle turimwo. Un coup d’etat peut etre acceptable pour le moment

  • Ivyo mwandika muze mubanza kuvyitondera kuko igihugu kirimwo abagabo,aho rero ntibakorako,igihugu sibenga,ahibwo igihugu nibanga,riheza rikabangigwa ingata,kandi ico mwomenya coco nuko inkona itaruzwa,haba namba.

  • uwakoze icaha afashweyohanwa.

  • sinibaza ko arabo gusa ntibabarenganye imana irababona mutama gn kararuza imana imwakire mubwami bwayo n izindi nzira karengane barikumwe abarundi turarushe,kweri

  • U butungane nibukore twaraye duhomvye cane.Kararuza nagende Imana izomuhembera iciza yakoze kumatariki ya 13 ,14/5/2015.Hamwe nu mutambukanyi wiwe n’ikbondo ciwe.Dusaba reta yuko yokingira ingabo zigihugu.kuko u Burundi buriko buhomba cane.

  • ndabasabirakumana bazosha ego bazosha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.