Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abasirikare batanu ba AMISOM bafashwe bagirizwa ubusuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abasirikare batanu ba AMISOM bafashwe bagirizwa ubusuma

Abasirikare batanu ba AMISOM bafashwe bagirizwa ubusuma

lundi 6 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Somalia bafashe abasirikare batanu ba AMISOM hamwe n’abanyagihugu cumi ba Somalia bagirizwa kugurisha ibikoresho vya gisirikare.

Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh Hassan Hamud, yamenyesheje ko abo basirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bafashwe bariko baragurisha ibikoresho vya gisirikare ku bantu bo muri Somalia, ivyo bariko baragurisha bikaba vyari bigizwe n’igitoro hamwe n’ikoresho vyo gusambura ibibombe.

Mohamed Sheikh yabwiye abamenyeshamakuru bo ku mugwa mukuru Mogadishu ko hari haheze iminsi babakurikirana, igiporisi naco kibagirako amatohoza.

BBC ivuga ko ari ubwa mbere abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia bafatwa bagirizwa amakosa kuva bashitse muri ico gihugu, haraheze imyaka icenda.

Umushikiranganji w’umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh, yemeje ko abo basirikare bagize urwo rudandazwa rutarekuwe, yongera avuga ko ingendo yabo yerekanye igituma habandanya kuba umutekano muke muri ico gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.