IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ETS Kamenge

Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ETS Kamenge

jeudi 1er Gitugutu 2015

Abasuma bitwaje ibirwanisho barivye kw’ishuri ry’imyuga ETS ryo mu Kamenge mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 30 Nyakanga 2015.Amafaranga ashika imiriyoni cumi z’amarundi niyo yibwe mu biro vy’uwujejwe kugaburira abanyeshuri.

Nkuko amakuru ava kw’ishuri ry’imyuga ETS Kamenge abimenyesha,ubwo busuma bwabaye nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro,aho abasuma bitwaje inkoho,grenade n’imipanga bashika baca basaba abanyezamu kuryama hasi imbere y’uko binjira mu biro bikoreramwo uwujejwe kugaburira abanyeshuri.

Amakuru ava mu banyezamu avuga ko abo basuma bahejeje kubaryamika hasi baciye babajana mu nzu imwe iri aho mu kigo ca ETS Kamenge baca barababoha.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo baje kwiba bari bambaye bamwe amakoti yabo banyezamu,abandi bambaye umwambaro w’ishuri wo kuri ETS Kamenge kugira ntibahave bamenyekana vyoroshe.

Uwujejwe kugaburira abanyeshuri amenyesha ko bamuhamagaye nk’igihe c’isaha icenda,asanga amafaranga ashika imiriyoni 10 bamaze kuyatwara,ariko ata kindi batwaye.

Mwomenya ko ubwo busuma bubaye inyuma y’iminsi icumi gusa umwaka w’ishuri 2015-2016 utanguye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.