Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatavuga rumwe na reta ya Sloveniya baraye bayitembagaje - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abatavuga rumwe na reta ya Sloveniya baraye bayitembagaje

Abatavuga rumwe na reta ya Sloveniya baraye bayitembagaje

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Reta ya sloveniya irongowe n’umushikiranganji wa mbere Janez Jansa yaraye itembagajwe yagirizwa kurya ibiturire.
ivyo vyabaye inyuma yaho inama nshingamateka igize amatora yo kwemeza canke guhakana iyo reta.

ku bashingamateka 90 bari bitavye ,55 bashigikiye abatavuga rumwe na reta, 33 bashigikiye reta nayo umwe ntaco yabivuzeko.

JPEG - 8.4 ko

Ubu rero Alenka Bratusek w’imyaka 42 kw’izina ry’ umugambwe w’ishami ry’ibubamfu ahawe gushinga reta nshasha akazoba abaye umukenyezi wa mbere mu mateka ya sloveniya abaye umushikiranganji wa mbere.
Inyuma y’aho atorewe ,uwo mukenyezi yarakejwe n’uwo agiye gusubirira yari amaze imyaka 54.

Mwomenya ko Alenka Bratusek azoshikiriza inama nshingamateka ,reta yiwe nshasha ari nayo izomwimika nk ‘umushikiranganji wa mbere gushika ku wa 14 ntwarante. Vyanse hazoca hategurwa amatora yihuta, ayaheruka yabaye muri ubwo buryo yabaye mu mwaka w’2011.

Iryo hinduka mu vya politique ribaye mugihe ico gihugu ciswe icakarorero mu bihugu vyahorana intwaro ya gi communista vyinjiye mwishirahamwe ryibihugu buraya, cagize ibibazo vya politique,ubutunzi,n’imibano kuva kicikukira mu mwaka w’1991 inyuma y’itembagazwa rya yougoslavie yaba communista.

Icateye iryo hindagurika ry’ubutegetsi n’uko imigambwe yari yashigikiye reta yahahora yayikuyeko amaboko bituma iyo reta iba itacizewe n’abanyagihugu.


sylvere BAVUMIRAGIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.