Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburusiya n’Ubuyapani baganiriye ku matati y’agataka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya n’Ubuyapani baganiriye ku matati y’agataka

Uburusiya n’Ubuyapani baganiriye ku matati y’agataka

mardi 30 Ndamukiza 2013

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe, n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, barabonaniye I Moscou, ku murwa mukuru w’Uburusiya, ejo ku musi wa mbere. Bukaba bwabaye ubwa mbere abo betegetsi babonana, mu kiringo c’imyaka cumi.

Barumvikanye ku vyerekeye kwongereza utwigoro tw’ugutorera inyishu amatati yerekeye ubutaka, yatumye Ubuyapanzi n’Uburusiya bidashobora kutera igikumu ku masezerano y’amahoro yarangije ingwano ya kabiri y’isi yose.

Ayo matati yerekeye amazinga azwi mu Buyapani kw’izina rya Northern Territories, mu gihe mu Burusiya azwi kw’izina rya Kurils, Uburusiya bwafashe mu misi ya nyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, barumvikanye ko atari ibisanzwe kw’ibihugu vyabo bidateye igikumu ku masezerano y’amahoro mu kiringo c’imyaka itari mike, kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye.

Izo mpande zompi zarateye kandi igikumu ku masezerano yerekeye ubudandaji, imitahe, imico, ubuvuzi n’inkino.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.