Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abategetsi ba Nigeria batabaza aboza kubafasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abategetsi ba Nigeria batabaza aboza kubafasha

Abategetsi ba Nigeria batabaza aboza kubafasha

lundi 11 Myandagaro 2014

Nigeria, igihugu ca mbere muri Afrika kibamwo abantu benshi, giherutse gutabaza aboza kubafasha guhangana n’ikiza ca Ebola giherutse guhitana abantu barenga igihumbi, muri Afrika y’uburengero.

Inyuma y’ibihugu bitandukanye biri muri ako karere ka Afrika y’uburengero, Nigeria nayo yamaze guterwa na Ebola. Nk’uk amatohoza y’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS avyerekana, Nigeria igira 4 mu bihugu bigeramiwe n’ico kiza. Lagos igisagara ca mbere kibamwo abantu benshi muri Nigeria, eka mbere no muri Afrika y’uburengero, nico kibangamiwe kurusha ibindi.

Kubera ko haheze imisi ibiri abakorera mu gisata c’amagara y’abantu batanguye yegere yegere, Lagos yashimye kwiyambaza abakorerabushake (les volontaires) ko boza kubafasha. Muri abo, Reta zunze ubumwe za Amerika zikaba zemeye gutanga abaza gufasha hamwe n’ibikoresho.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.