IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abavyeyi basaba Leta ko yoganira n’abigisha

Abavyeyi basaba Leta ko yoganira n’abigisha

vendredi 21 Ruheshi 2013

Kuva aho abari mu masendika atandukanye y’abigisha bafatiye ingingo yo guhagarika ivyirwa, ingorane ziratanguye kwibonekeza mu mashure atandukanye, haba amashure amwe afisuburaro canke ayatagira uburaro.

Amashure Atari make yo mu ntara zo hagati mu gihugu yafashe ingingo yo kurungika abanyeshure bahora mu ndaro, muhira iwabo. Ivyo rero bikaba bitanezera abavyeyi babo bariko babona abana baje mu hira mu gihe umwaka wariko urahera, abavyeyi rero bavuga ko Leta ikwiye gukura mu nzira ikibazo c’abigisha, kuko umwaka uhera bagize yegereyegere akarenga kabiri, ivyo rero bituma abanyeshure baheza umwaka ataco bazi, kuko bama bariko bata ivyirwa hagati kubera izo yegereyegere zabura akanya.

Abavyeyi bavuga ko bababazwa n’ico kibazo c’abigisha kuko abana babo aribo barwa mu mporera.Ubu rero nta n’umwe abona uko ibintu biriko biragenda, na rirya ijambo ryavuzwe n’umushikiranganji w’inyigisho z’amashure matomato aho guhumuriza abigisha, zatumye n’abari basigaye ku mirimo basanga bagenzi babo muri iyo yegereyegere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.