IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abavyeyi basabwa guterera mu ndero y’abana babo

Abavyeyi basabwa guterera mu ndero y’abana babo

lundi 21 Nzero 2013

Umuyobozi w’amashuri mu ntara ya Kirundo arasaba abavyeyi guterera mu ndero y’abana babo kuko vyibonekeza ko indero yatitutse,ibituma mbere hari abanyeshuri batari bake bahevye amashuri kubera batwaye imbanyi.

Mu gihe mu ntara ya Kirundo hibonekeje abana b’abanyeshure bahevye amashuri kubera batwaye inda mu mwaka uheze w’amashuri,umuyobozi w’amashuri mu ntara ya Kirundo asaba abavyeyi ko boterera k’urugero ruboneka mu ndero y’abana babo.

Ivyo umuyobozi w’amashuri mu ntara ya Kirundo yabimenyesheje igihe hariko harinjirwa amashuri atatu kw’ishuri ryisumbuye rya Lycee Kirundo.

Uwo muyobozi nyene akaba yamenyesheje ko abakobwa 234 bo mu mashuri yisumbuye aribo batwaye inda mu mwaka w’ishuri uheze,hakiyongerako abanyeshuri 153 bo mu mashuri y’intango nabo nyene batwaye inda.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.