Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayoboke 529 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abayoboke 529 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa

Abayoboke 529 ba Morsi baciriwe urubanza rwo gupfa

lundi 24 Ntwarante 2014

Sentare yo mu gihugu ca Misiri yaciriye urubanza rwo gupfa abayoboke 529 ba Morsi, umukuru w’igihugu yatembagarijwe ubutegetsi n’igisirikare ca Reta.

Abayoboke 529 ba Morsi nibo baciriwe urubanza rwo gupfa. Muri abo baciriwe urubanza, 153 basanzwe bari mw’ibohero, abandi nabo barahunze. Kuva igisirikare gitembagaje ubutegetsi bwa Morsi, kuwa 3 Mukakaro, abayoboke 1400 biwe barishwe mu ntureka zagiye ziba abandi nabo batari bake barafungwa.

Ariko rero, abasanzwe bashigikiye umukuru w’igihugu ntibaraturura gushika n’ubu, naho baguma batotezwa, bama bakora imyiyerekano basaba ko Morsi yosubira ku butegetsi, kuko ku bwabo Mohamed Morsi ariwe akiramutswa igihugu ca Misiri.

Mohamed Morsi aracari mw’ibohero mu kibanza kitazwi, arindiriye gucibwa urubanza, akaba yagirizwa ivyaha bishika bine, kimwe murivyo gikuru akaba ari uko yatanze itegeko ku giporisi ryo kurasa abari mu migumuko igihe yari ku butegetsi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.