Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abayoboke ba Bagbo babiri bahagaritswe muri Ghana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abayoboke ba Bagbo babiri bahagaritswe muri Ghana

Abayoboke ba Bagbo babiri bahagaritswe muri Ghana

mardi 5 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’indwi zibiri Charles Blé Goudé afashwe agasubizwa muri Cote d’Ivoire, abandi bayoboke babiri ba Bagbo baraye bahagaritswe i Accra muri Ghana kuri uyu wa 4 Ruhuhuma. Abo nabo ni Jean Noel Abehi na Jean-Yves Dibopieu.

Harabandanya guhagarikwa n’abandi bakorana na Bagbo bose bahungiye muri ico gihugu ca Ghana. Inyuma ya Blé Goudé, haramukiwe uwahoze ari umukuru w’ikijandarme Jean Noel Abehi na Jean-Yves Dibopieu yahoze arongoye abiyita ko bakunda igihugu ku gihe ca Bagbo. Abo babiri nabo nyene bafashwe kuwa mbere baca basubizwa muri Cote d’Ivoire.

Amakuru atangwa n’inzego z’umutekano zo muri ico gihugu ca Cote d’Ivoire, amenyesha ko abo bose bahagarikwa kubera gukorana neza biri hagati y’igipolisi ca Cote d’Ivoire n’ica Ghana.

Ayo makuru abandanya avuga ko abo bantu bose bahagarikwa ku mitahe mpuzamakungu. Ngo Cote d’Ivoire yarasavye Ghana ko yobibafashamwo, iyo nayo irabibemerera. Abo bagabo babiri rero baraye bafashwe, bagiye gushikirizwa ubutungane bwa Cote d’Ivoire.

Uwo comanda Jean Noel yari arongoye ingabo zagumye inyuma ya Bagbo gushika ku gatsi kanyuma imbere y’uko yomorwa ku butegetsi yari yagumyeko ku nguvu.

Jean-Yves Dibopieu yahora arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo mu ma kaminuza n’ayisumbuye FESCI mu mpfunyapfunyo iryo naryo rikaba ryari ryegereye cane Blé Goudé yari arongoye urwaruka rwiyita ko rukunda igihugu, rukaba rwari rushigikiye Bagbo.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.